Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
RDC ishobora kwadukamwo intambara
Igihugu ca Republika iharanira Demokrasi ya Congo (RDC) gishobora kubamwo ubwicanyi bukomeye, nk’uko bivugwa n’akanama ka Onu kajejwe umutekano kw’isi.
Intumwa ya Onu, Maman Sidikou yavuze ko abasirikare 18.000 ba Onu bagiye kugarukana amahoro muri ico gihugu, ata bubasha bafise bw guhangana n’iyo midurumbanyo mu gihe yokwaduka.
Imidurumbanyo yahitanye abantu benshi yagiye iraba rimwe na rimwe bivuye kugushaka kwunguruza itariki y’amatora y’umukuru w’igihugu.
Abatavuga rumwe na reta ya Joseph Kabila ko ashaka kuguma ku butegetsi ikiringo ciwe kirangiye mu kwezi kwa cumi na kabiri.
Abantu benshi baritavye Imana igihe haba imyiyerekano yo kurwanya reta mu kwezi guheze mu gisagara ca Kinshasa, inyuma y’aho akanama kajejwe gutegura amatora kamenyeshereje ko kadashobora gutunganya ayo matora mu kwezi kwa cumi na rimwe.
Ivyicaro bitatu vy’imigambwe itavuga rumwe na reta vyaraturiwe.
“Abo ku mpande zose basa n’abagavye ngo bakoreshe iguvu mu gushaka kuvyo bipfuza,” uko ni ko Sidikou, umukuru w’abasirikare bagiye kugarukana amahoro muri RDC yabwiye akanama ka Onu kajejwe umutekano kw’isi.
“N’aho Monusco izokora uko ishoboye mu gukingira abanyagihugu, ariko nta bushobozi ifise yo guhangana n’ibibazo bishobora kwaduka.”
Yongeyeko ko: “RDC yinjiye mu kiringo gihambaye cane. Ikiringo kiri imbere kirakomeye cane, haraho bizoshika imidurumbanyo ikarenga urugero.”
Muri RDC nta mukuru w’igihugu arashikiriza uwundi ubutegetsi biciye mu matora kuva ico gihugu cikukiye haraciye imyaka 55.
Prezida Joseph Kabila yagiye ku butegetsi mu 2001 inyuma y’iyicwa rya se wiwe Laurent Kabila.