Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Samsung yahagaritse gukora Galaxy Note 7
Bivugwa ko kompanyi ikomeye ya telefone za Samsung yahagaritse gukora telefone za Galaxy Note 7 kubera ibivugwa ko izo telefone zishasha zifise ibibazo.
Itororokanirizo ry’amakuru rya Reuters na Yonhap ryo muri Korea y’epfo zasubiyemwo bamwe mu bakozi batavuzwe amazina, bavuga ko iyo kompanyi yahagaritse vy’agateganyo gukora izo telefone.
Samsung yabwiye BBC ko yabaye irahagaritse ikorwa z’iryo telefone kugira bakore nziza kandi zitononekara.
Iyo ngingo ifashwe inyuma y’aho kompanyi zibiri zo muri Amerika zihagarikiye kudandaza izo telefone.
Samsung yavuze ko ku musi wa mbere kandi izohagarika ijanwa rya mwene izo telefone mu tundi turere tw’isi, kugira babanze kuzisuzuma.
Iyo kompanyi ya Korea y’epfo, yari yagarukanye izo telefone mu kwezi kw’icenda, banemerera ababashorera ko izasubiwemwo ubu zikomeye neza.
Ariko hari izindi nkuru zitandukanye n’izo, ko telefone zasubiwemwo na zo nyene zivamwo umwotsi.