Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Muri Korea y'epfo barashobora gukoresha Samsung N 7
Samsung, ishirahamwe rya mbere kw'isi mu guhingura telephone ngendanwa, rivuga ko abaguzi baryo muri Korea y'epfo bashobora gukoresha telefone yaryo nshasha.
Amamiriyoni ya tekefone y'ubwoko Galaxy Note Seven zasubijwe mw'ihinguriro nyuma y'aho izirenga mirongo ibiri zakiye umuriro canke zigaturika.
Ibitangazamakuru vyo muri Korea y'epfo bivuga ko ubuhinga bushasha bwashizwe muri izo telefone buzotuma zidashuha vy'umurengera, batiri z'izo telefone zishobore gushirwamwo umucanwa gushika ku 60%.
Ntibiramenyekana igihe ubwo buhinga buzoshirwa muri izo telefone zose kw'isi.