Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
MH17 yoba yakorowe n'igisasu c'Uburusiya
Abashinzwe igikorwa c'itohoza kui coba carahitanye indege MH17 yaguye mu buseruko bwa Ukraine mu 2014 batanze icegeranyo c'infatakinanza c'ivyo bamaze gushikako.
Ico cegeranyo cerekana ko igisasu cagemye iyo ndege ya Malaysian Airlines cakorewe mu Burusiya kandi cari cazanywe muri Ukraine kiva mu Burusiya.
Umurwi wegeranije ibimenyetso mu ntumbero yo gutegura ikirego ku woba yarakoroye indege ya Malaysian Airlines, nta n'umwe udomako urutoke.
Uburusiya bwakomeje guharira ku bikekwa ko igisasu cagemye iyo ndege coba catewe n'abarwanya leta mu buseruko bwa Ukraine.
Abantu bagera ku 300 bari muri iyi ndege bose barapfuye, abenshi bakaba baturuka mu Buhollande.