Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ubutunzi bw'Ubushinwa butera budindira
Ken Rogoff avuga ko ukwiyongera kw'ubutunzi bw'Ubushinwa kwubakiye ku mwenda, ivyo navyo ngo bikaba bidashobora kurama.
Amabanki y'Ubwongereza afise ubutunzi buciye miriyaridi 530 z'ama dolari, arimwo ingurane n'ayandi bashoye mu bikorwa bizana amafaranga, mu Bushinwa no muri Hong Kong, n'ukuvuga ibice 16% vy'amafaranga amabanki y'Ubwongereza afise mu bihugu vyo hanze.
Rogoff yabwiye BBC ko ibihugu vya Bulaya na Amerika vyari bikwiye kuraba ko ubutunzi bwavyo buhagaze neza, bitaratangura gusubira inyuma.
Yibukije ko igendereza ry'ikigega mpuzamakungu FMI ryagiye ryerekana ko ubutunzi bw'isi muri rusangi butiyongereye mu myaka icenda irangiye, kandi ko hari impungenge ko n'uyu mwaka ariko bizogenda.
Uretse mu Bushinwa, bwana Rogoff avuga ko no mw'isi muri rusangi hari impungenge ku bibazo bitandukanye, nko kwibaza nimba ari Donald Trump canke Hillary Clinton azotsinda amatora muri Leta zunze Ubumweza Amerika.
Avuga ko bigoye kumenya icoba hamwe Trump ariwe yotsinda, ariko ngo Hillary Clinton aramutse atsinze, imigambi yiwe ishobora kiubuzwa gushirwa mungiro n'abashingamateka b'aba Republikani.