Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Imirwano irakomeje muri Syria
Amakuru aturuka muri Syria aravuga ko ingabo za leta zirimo kugaba ibitero by'indege bikomeye mu turere twinshi.
Ibi biraba mu gihe hasigaye umunsi umwe ngo hatangire gushyirwa mu bikorwa amasezerano yo guhagarika imirwano ahagarikiwe na Amerika n'Uburusiya.
Impirimbanyi zo muri Syria ziravuga ko indege z'intambara z'Uburusiya nazo ziri mu kirere zirasa mu ntara za Idlib na Aleppo.
Abantu barenga ijana biravugwa ko baguye mu bitero by'indege byo kuwa gatandatu.
Imiryango ifasha abari mu kaga itegereje ko impande zose zihagarika imirwano kugira ngo ibashe kugeza imfashanyo yihutirwa mu mijyi n'imirenge byugarijwe n'intambara.
Ayo masezerano yo guhagarika intambara ateganya ko hashyirwaho inzira zitarangwamo imirwano zo kunyuzwamo imfashanyo igenewe abari mu kaga.