Inama y'abaprezida b'ibihugu vya EAC

Inama kaminuza idasanzwe y’abakuru b’ibihugu bigize akarere k’ubuseruko bwa Afrika (EAC) ikoraniye i Dar Es Salaam.
Bitegekanijwe ko yiga ku bibazo bitatu.
Hari imigenderanire yo gufashanya n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya, ikibazo c’ibiganiro bihuza abarundi, hamwe rero n’amatati arangwa muri Sudani y’epfo, igihugu caheruka kw’injira muri iryo shirahamwe.
Muri iyo nama umuhuza mu matati y’abarundi, uwahoze arongoye igihugu ca Tanzania, Benjamin Mkapa, araza gushikiriza abakuru b’ibihugu bigize akarere ka EAC icegeranyo c’ivyo amaze gushikako.

Haraza kandi kurahizwa icegera c’umunyamabanga mukuru w’iryo shirahamwe aturuka mu gihugu c’Urwanda.






