Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Obama yahagaritse umubonano na prezida Duterte
Prezida Barack Obama yahagaritse umubonano yari afitaniye na prezida wa Philippine, Rodrigo Duterte, ahejeje kumutuka ko ari “Umwana w’umusambanyi”.
Duterte yariko arishura prezida wa Amerika yari yavuze ko mu mubonano baza kugirana aza kugarukana ikibazo c’ubwicanyi ndengerabutungane bwagiriwe abagirijwe kudandaza ibiyayuramutwe.
Uwo mukuru w’igihugu ca Philippine, azwi cane ku mvugo akoresha adudurirako, ubu ikaba igize ingaruka mbi mu migenderanire n’amakungu, nk’uko bivugwa n’abamenyeshamakuru.
Yashikirije ko yicuza kuvyo yashikirije.
“Mu gihe ikibiteye ari ivyo nashikirije ku bibazo bimwe bimwe vy’abanyamakuru biteye amakenga n’amadidane, turababajwe n’ingene vyafashwe nko kwifatira mu gahanga prezida wa Amerika jewe ubwanje, “nk’uko biri mw’itangazo ryo mu biro vya prazida.
Abo bakuru b’ibihugu bose bari mu bitavye inama y’ishirahamwe ry’ubumanuko bushira ubuseruko bwa Asia(ASEAN), I Laos.