Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Urugendo rw'abakenyezi mu Burundi
Abagore baturutse mu mihingo itandukanye bateraniye ku kibanza citiriwe ONU mu Ngagara bafata ibarabara ryitwa Peuple Murundi bagana hagati mu gisagara.
Bari bafise ivyapa vyiyamiriza inteko zo hanze n'abaposi 280 ONU iherutse kwemeza kurungika mu Burundi.
Urwo rugendo rwatunganijwe n'ishirahamwe ryitwa Women in Action for Peace in Burundi.
Imbere y'uko urugendo rutangura habanje ibisabusho c'amadini atandukanye mu ndimi z'icongereza, igiswahili, igifaransa n'ikirundi.
Abasenga bose basaba imana ngo ''ntihaze inteko zo hanze".
Urugendo rwarangiriye ku kibanza citiriwe kwikukira, Place de l'Independance.
Baririmvye indirimbo ihayagiza Uburundi.
Umwe mu batunganije urwo rugendo yabwiye abarwitavye ko babatumiye kugira berekane ko mu Burundi hari amahoro bongere biyamirize " abakwiragiza ibinyoma ku Burundi".