Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Colombia: Amasezerano y'amahoro n'abagwanyi ba FARC
Reta ya Colombia n’umuhari uyigwanya wa FARC bashize umukono ku masezerano y’amahoro, yo guhagarika intambara yari imaze imyaka irenga mirongo itanu.
Impande zose ko ari zibiri zumvikanye gufasha abanyagihugu, mu kwitaho abazahajwe n’iyo ntambara hamwe no kugarukana amahoro.
Itangazo bashizeko umukono ryasomwe mu birori vyabereye I Havane ku mugwa mukuru w’igihugu ca Cuba, aho ivyo biganiro vy’amahoro vyari bimaze imyaka ine biriko birabera.
Iyo ntambarayahitanye abantu barenga ibihumbi 220, isiga abarenga umuliyoni batagira aho bakika umusaya.
Igihe ayo masezerano azomara kizogenwa n’abanyagihugu ba Colombia biciye mu matora ya kamarampaka azoba mu kwezi kwa cumi.