Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igiteramo Festival Amahoro mu gisagara ca Bujumbura
I Bujumbura mu Burundi hatunganijwe igiteramo citiriwe Festival Amahoro, kigamije gukangurira abantu ku kamaro k'amahoro nyuma y'ivyo u Burundi bihitiyemwo.
Imigwi irenga 40 yitavye igiteramo citiwe amahoro catunganijwe n'ishirahamwe ry'abarirumvyi mu Burundi "Amical des musiciens du Burundi".
Abaririmvyi batandukanye, abamaze kumenyekana n'abatazwi neza bari bitavye ico giteramo.
Uwurongoye Amical des musiciens du Burundi, Bruno Simbavimbere batazira Member, avuga ko bashaka kwibutsa Abarundi ko ari co kintu gikomeye mu mibano yabo.
Ico giteramo gitunganijwe ubwa mbere mu gisagara ca Bujumbura, ariko hakaba hategekanijwe n'ibindi bizokurikora mu turere tundi tugize u Burundi.
Abantu batari bake bitavye ico giteramo, ahanini hakaba hagwiriyemwo urwaruka.
Reta yaserukiwe n'icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu Gaston Sindimwo.