Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Francine Niyonsaba mu gice ca nyuma mu 800m
Umwigeme w’umurundikazi, Francine Niyonsaba, yaronse uburenganzira bwo guhiganirwa umudari w’inzahabu mu gice ca nyuma mu metero 800.
Mw’ihiganwa ry’igice ca kabiri gishira ica nyuma, uwo mwigeme yabaye uwa kabiri inyuma y’umunye Kenya Wabui yirutse izo metero mu 1’59”21.
Mu rindi higanwa, Usain Bolt yatsindiye umudari ugira kabiri w’inzahabu mu kwiruka imetero 200 mu nkino za Olempike, umudari wiwe ugira umunani muri mwene izo nkino.
Uwo munye Jamaique yagize 19”78, aho yashitse imbere y’umunye Canada Andre Grasse n’Umufaransa Christophe Lemaitre.