Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abantu bataye izabo i Calfornia kubera umuriro
Abakozi barenga 10.000 bo kurwanya umuriro w’icaduka barabandanya guhangana n’umuriro mwinshi wadutse mu ntara ya Calfornia.
Abategetsi bo muri iyo ntara bavuga ko uwo muriro watumye ibarabara rikuru hamwe n’ibarabara rya gariyamoshi rifatanya ico gisagara na Los Angeles hamwe na Las Vegas vyugarwa.
Abantu ibihumbi n’ibihumbi bategetswe kuva mu mihana iwabo, ariko bamwe bavyanse.
John Miller ajejwe igikorwa co gutabara yasavye abanyagihugu gushira mu bikorwa itegeko ryo kuva mu mihana iwabo.