Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Tanzania: Abana b’abema baridogera abavyeyi
Abana b’abema barerewe mu kigo c’I Buhakijya mu ntara ya Shinyanga, mu buraruko bushira uburengero bwa Tanzania baridogera abavyeyi babo ko bataza kubaramutsa.
Abo bana barerewe mu kigo c’abana bagenda ubumuga, bahashitse mu mwaka 2009, ariko benshi muri bo ntibarasubira kubonana n’abavyeyi babo.
Abo bana bahunze ubwicanyi bw’abagizi ba nabi bahiga abanyamwema aho mu gihugu ca Tanzania no mu bihugu bobanyi, bavuga ko ibihimba vyabo bituma baronka ubutunzi bwinshi.
Uwurngoye ico kigo, Selemani Kipanya avuga ko hari abavyeyi bataragaruka kuraba abana babo kuva babashikanye muri ico kigo.
“Bamwe mu bavyeyi b’aba bana ntibaragaruka kubaramutsa kuva babashikanye ngaha. Haraheze imyaka ibiri, itatu, ine… batarasubira kubakubita ijisho.”
Hari abavyeyi bacemera ibintazi, bafata abana b’abema nk’umuvumo.
Ku ruhande rw’abana, ivyo birababaza cane.
Hyacenta n’umwe mubari muri ico kigo, akaba afise imyaka 18.
“Abana benshi ntibarasubira kubonana n’abavyeyi babo. Barabinuba, babafata nk’ibicibwa.”
Abema benshi barishwe abandi bahigwa buhongo cane cane mu bihugu vya Tanzania, Uburundi na Malawi.