Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Nusra Front ivanye na Al Qaeda, Amerika iti ntibihagije
Umwe mu migwi ikomeye y'abarwanyi ba ki Islam ihanganye na leta ya Syria, Nusra Front, watangaje ko uvavanuye na Al Qaeda, uca unafata izina Jabhat Fateh al-Sham.
Umukuru wa Nusra Front, Abu Mohammad al-Golani, yavuze ko ibi bakoze bizokurako urwitwazo rw'ibihangange vy'abanyamahanga, birimwo Uburusiya na Amerika, bitera uwo mugwi amabombe muri Syria.
Ariko ubushikiranganji bujejwe imigenderanire muri Amerika bwavuze ko ata mvo n'imwe igaragara yotuma buhindura uko uwo mugwi ufatwa, mugihe ubonwa nk'umugwi w'iterabwoba.
Ubwo bushikiranganji kandi bwavuze ko ivyabaye ari uguhindura izina gusa.
Nusra Front irwana iri kumwe n'iyindi migwi y'abarwanyi muri Syria, barwanya iyindi migwi ishigikiye umukuru w'igihugu Assad.