Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ishirahamwe RNJ+ ryahawe agashimwe ka Red Ribbon 2016
Amashirahamwe cumi harimwo RNJ+ ryo mu Burundi, ni yo yahawe agashimwe ka Red Ribbon 2016 kubera ibikorwa yakoze yo gufasha abagendana umugera wa Sida hamwe no gusigurira abantu ivyerekeye uwo mugera.
Claudia Nizigiyimana, ari mubakiriye ako gashimwe mu gihugu ca Afrika y'epfp ahariko harabera inama ihuza intumwa zirenga ibihumbi cumi n'umunani bavuye hirya no hino kw'isi, avuga ko yanezerejwe cane n'uko baronse ako gashimwe.
"Twanezerewe cane, kandi turashimira n'abadufashije bose, reta y'Uburundi n'ishirahamwe ONUSIDA, kuko ibikorwa twaranguye ntitwari kuvyishoboza", uko niko Claudia Nizigiyimana yavuze.
Urwaruka rugenda umugera wa Sida mu Burundi ngo rufise ingorane nyinshi, harimwo ubupfuvyi, izijanye n'ibisigi, kuronka aho bakika umusaya eka mbere no kwivuza.
Muri ivyo vyose ishirahamwe RNJ+ riraheza rigafasha muvyo rishoboye.
Abantu barenga ku 36.700.000 ni bo bagenda umugera wa Sida kw'isi.