Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Yavutse ari impumyi none arabona
Munzu y'ivyatsi abanamwo na inakuru muri Uganda, Criscent Bwambale ntaja kw'ishure, kandi ngo akine n'abo bangana,afashwa n'umuryango ico arico cose.
Mukwezi kw ambere, umuryango wiwe wumvise akamo k'umurwi w'abafasha mukuvura amaso witwa 'Sightsavers', kokuja gupimisha abana amaso no kuvura abafise ingwara ya cataract mu bitaro vya Mbarara.
Inyuma y'amezi abiri, umuganga yaramupimye, ahabwa amarori, bituma abona ibiri mw' isi ubw ambere kuva avuka.
Imbere yo kubona Criscent yagenda canke agakora ibindio vyose afashijwe n'abo mu muryango wiwe.
Munzira asubira iwabo mu karere ka Bundiburyo, Criscent ariko araba hanze atangara cane.
Ibarabara rica mu misozui myiza cane ya Rwenzori.
Benewabo bashitse bamwereka ivyo ashobpora kubona hanze, n'amazina yavyo, ntiyari bwabone inkoko, ubwato, ivyo vyose ntazi uko vyitwa.
Criscent yagiye mw'ishure ubwa mbere, niho agitangura kwiga indome, yatakaje igihe kirekire, akeneyen kwihata gufata vyinshi ningoga.
Criscent ashobora gukina n'abandi bana hanze.
Kubona biza buke buke, mwenewabo ariko aramusobanurira ico ari co ishurwe, hanze y' inzu yabo muri Bundibugyo, azokomeza kwiga uko ibintu bimeze kw'isi.