Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igitero ca bombe cahitanye abantu 18 muri Somalia
Inkuru ziva muri Somalia zivuga ko abantu 18 bahitanywe na bombe bari mu modoka yunguruza abantu bariko baraja ku mugwa mu kuru wa Somalia, i Mogadishu.
Ibombe yari yatezwe iruhande y'ibarabara yaturikiye ku modoka yari itwaye abantu.
Abitavye Imana bose bari abanyagihugu basanzwe.
Ico gitero cabereye hagufi y'igisagara ca Lafole.
Vyibazwa ko abateze iyo bombe bashaka gutegera imodoka y'abasirikare yari ihegereye.
Kenshi na kenshi, abagwanyi ba Al Shabab bakunze kugira ibitero ku basirikare ba reta.