Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Irani igiye kugura muri Amerika indege ijana
Abategetsi bashinzwe iby'indege muri Irani batangaje ko bagiranye amasezerano n'isosiyete y'abanyamerika, Boeing, yo kugura indege zayo 100.
Mu kwezi kwa kabiri, Leta zunze ubumwe za Amerika zahaye uruhushya Boeing rwo gutangira kuganira na Irani mu rwego rw'ubucuruzi nyuma yaho Irani ivaniweho igice cy'ibihano yari yarafatiwe na Amerika.
Ibi byabaye nyuma y'amasezerano Irani yagiranye n'amahanga ku birebana na gahunda yayo yo mu rwego rwa nucleaire.
Irani imaze igihe ishaka gusimbura indege zayo zishaje kugirango ihe serivisi zinza abagenzi.
Mu kwezi kwa mbere, Irani yagiranye amasezerano n'isosiyete ikora indege mu Burayi, Airbus, yo kugura indege zayo zirenze ijana.
Kuwa kane abategetsi bo mu Burayi bavanye isosiyete y'indege ya Irani - Iran Air - ku rutonde rw'indege zitemerewe kwinjira mu kirere cyabwo.