Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
IS yaragize genocide y'aba Yazidi
Abajejwe amatohoza mu kanama ka ONU kajejwe agateka ka zina muntu bagirije umugwi wa Islamic State gukora genocide y'aba Yazidi muri Irak no muri Syria.
Akanama kajejwe amatohoza muri Syria kavuga ko IS bariko baragerageza guhonya aba Yazidi bose mu kwica abagabo no mu gushira mu buja abapfasoni babo n'abana, hamwe no kubabuza imico n'imigenzo yabo.
Abo bahinga bavuga ko bakwiye gushikanwa imbere ya sentare mpuzamakungu mpanavyaha kandi ko n'izindi nguvu zikwiye gukoreshwa kugira mu gufasha aba Yazidi.
Abapfasoni b'aba Yazidi barenga ibihumbi bitatu n'abana baragizwe ingwati bakaba bagurishwa kubashaka kuryamana na bo.