Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uganda: 13 bafashwe bagirizwa gushinga umugwi w'abagwanyi
Igisirikare ca Uganda cahagaritse abantu boba bashika 13 bakekwa ko bashaka gushinga umugwi witwaje ibigwanisho.
Umuvugizi wa gisirikare yavyemeje kuri radio BBC, aho yavuze ko igisirikare kiri mu matohoza, ariko nta kindi yongeyeko.
Inkuru zivuga ko abo bafashwe harimwo umutegetsi w'abatavuga rumwe na reta hamwe n'abasirikare babiri bashinzwe ububiko bw'ibigwanisho.
Imishamirano ya politike yarongerekanye muri Uganda bivuye ku matati yakurikiye amatora y'umukuru w'igihugu yo mu kwezi kwa kabiri.
Umukuru w'abatavuga rumwe na reta Kizza Besigye ari mw'ibohero yagirizwa icaha co kugambanira igihugu, inyuma y'aho avugiye ari we yatsinze amatora.