Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Isakwa ry'ibiro vya Google i Paris
Abategetsi bo mu bushikiranganji bw'ikigega ca reta basatse giturumbuka ibiro vy'igihangange muri internet muri Amerika, Google mu matohoza yerekeye ubusuma bw'amakozi.
Inkuru zivuga ko abategetsi bu muri ubwo bushikiranganji bashika 100 ari bo binshiye mu nyubakwa za Google mu gisagara ca Paris mu gitondo.
Inkuru ziva mu gipolisi ziremeza iryo saka.
Google bavuze:"Twarakurikije amategeko y'Ubufaransa kandi turiko turakorana n'abategetsi twishura ibibazo vyabo."
Google yagirizwa amahera angana amadolali imiriyaridi 1.8y'amakozi itarishe.