Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umutegetsi yemeye agahembo igihe hishwe inkozi y'ikibi
Umukuru w'igisagara kimwe mu gihugu ca Philippine yemeye agahembo ku bantu bazica canke bazobabaza inkozi z'ikibi.
Tomas Osmena, yatorewe kuba umukuru w'igisagara mushasha w'igisagara ca Cebu, yemeye gutanga amadolali 1,000 ku nkozi y'ikibi yose yishwe.
Yavuze ko ico agamije cane ari ugutera ubwoba n'umutima uhagaze inkozi z'ikibi.
Osmena aramaze guha agashimwe umupolisi atari kw'izamu yarashe yongera arakomeretsa abantu babiri bariko baragerageza kwiba.
Uwo mugambi w'umukuru w'igisagara nta ho utandukaniye n'aho prezida aherutse gutorwa Rodrigo Duterte ahagaze, aho yamenyesheje ko azotanga itegeko ryo kwica inkozi z'ikibi nk'inzira yo kubagwanya.