Indege ya Mswati yankiwe kugwa muri Canada

Ahavuye isanamu, AFP
Indege y'umwami Mswati wa gatatu wa Swaziland yankiwe kurwa muri Canada incuro ya kabiri mu myaka ibiri nyene kubera amatati y'amadeni.
Iyo ndege yabujijwe kugwa kubera urubanza ruri muri sentare, aho uwahora akorana urudandaza n'uwo mwami yamuka mu gihugu ca Singapour, Shanmuga Rethenam yamwitwariye, avuga ko yishuza ubwami bwa Swaziland amadolari imiliyoni 8.
Ku musi wa gatatu, umuvugizi wa reta ya Swaziland, Percy Simelane, yarahakanye ko umwami afise ideni iryo ari ryo ryose, anongerako ko, ata vyinshi abivugako kuko urubanza ruri muri sentare.






