Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
U Burundi bwaronse ubutumire bwa Mukapa mu biganiro
Leta y'u Burundi ivuga ko yaraye ironse ubutumire bwo kwitaba ibiganiro bihuza Abarundi bihagarikiwe n'uwahoze ari umukuru wa Tanzania, Benjamin Mkapa.
Ivyo biremezwa n'umujenama ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy'umukuru w'u Burundi.
Willy Nyamitwe avuga yamara ko atoshoka avuga ko bazokwitaba n'uko batazokwitaba ubwo butumire kuko ngo baracariko barabwihweza neza imbere y'uko babwishura.
Benjamin Makapa ategekanya ko ivyo biganiro vyoba hagati y'itariki 2 na 6 z'ukwezi kwa gatanu kwimirije, kugira bitorere inyishu intureka zimaze umwaka wose mu Burundi.