Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ubuhindi burahakana guperereza Pakistan
Reta y'Ubuhindi yahakanye ivyo yagirizwa na Pakistan ko yafashe umukozi wabwo w'iperereza mu ntara ya Balochistan.
Abategetsi ba Pakistan, ku musi wa kabiri bwarerekanye video terekana uwo muntu yiyemerera ko afise uruhara mu bikorwa vyo guperereza.
"Nta kintu na kimwe cemeza ko Ubuhindi yita mu biraba Pakistan", nk'uko vyavuzwe n'umuvugizi wa gisirikare, Lt Gen Asim Bajwa.
Ubuhindi buvuga ko uwo muntu ari umuhindi, ariko bagahakana ko ibivugwa vyo guperereza, bavuga ko "yabitamitswe".
Reta y'Ubuhindi irahakana ko uwo muntu yakoze ibikorwa vy'iperereza mu gihugu ca Pakistan, nk'uko umuvugizi w'ubushikiranganji bw'imigenderanire yabimenyesheje, Vikas Swarup, mu kiganiro yagiriraniye n'abamenyeshamakuru.
Swarup yongeyeko ko Ubuhindi bufise amakenga ku magara y'uwo muntu, kandi ko yasavye kuvugana n'uwo muntu, ariko ko gushika ubu igihugu ca Pakistan ntikiravyemera.