Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
DR Congo-Kenya: William Ruto yarakaje abanye-Congo b''abanyamuziki gusa batagira inka'
Amajambo yavuzwe n'icegera c'umukuru w'igihugu ca Kenya mw'ikoraniro rya poritike ko muri Congo ari abanyamuziki batagira inka yarakaje abanye-Congo ku mbuga hwaniro.
Ku wa mbere, William Ruto yabwiye abantu b'i Nyeri, mu majahagati ya Kenya, ko muri Repuburika ya Demokrasi ya Congo hari isoko rinini ku bikomoka ku mata y'inka zabo - yongera asa n'uwuvuga ko muri ico gihugu ata nka zihari.
Mu vyo yavuze mu rurimi rw'igiswahiri hari aho yagize ati: "Turafise isoko muri RD Congo…barya bantu bivugiriza umuziki…Kirya gihugu gifise abantu bashika miriyoni 90 ariko nta nka n'imwe bafise."
Video y'aho avuga ivyo yarahererekanywe cane ku mbuga hwaniro.
Ayo majambo ntiyaguye neza abanye-Congo, bamwe mu banyaporitike n'abamenyeshamakuru bavuga ko ayo majambo arimwo kugayana mu gihe asa n'uwuvuga ko abanye-Congo ari abantu b'ibinebwe ata kindi bazi atari ukuririmba.
Umukenguzamateka Francine Muyumba yagiye kuri Twitter avuga ko ivyavuzwe ari "igitutsi" kandi "kitokwemerwa" aca asaba Ruto gusokora ayo majambo.
Yavuze ati: "Kenya nk'igihugu gikeneye kwitandukanya n'amajambo nkayo ku mugaragaro kugirango tugumagane ubucuti dufitaniye hagati y'ibihugu vyacu. Mu gihe turindiriye ko igihugu cacu kigira ico gikoze, twiteguriye kugira ico dukoze ku rwego rw'inama nshingamateka."
Ico kibazo kimaze iminsi ibri iheze kiriko kiravugwako menshi kuri Twitter muri DR Congo, bamwe mbere bahanahana amasanamu y'amararo y'inka muri ico gihugu.
Uwo muri iyo tweet ati : "Ubu mu bice bimwe bimwe vya Congo aho abantu bumva igiswahiri, abantu bashaka ko dufotora inka zabo. Inka ni nyinshi muri Congo, @NyakwubahwaRuto. Benshi bagura ibivuye muri Kenya kugira gusa bagerageze ibintu bivuye ahandi."
N'uwo muri iyo tweet avuga ko muri Congo hari inka nyinshi cane.
Abanya-Kenya bamwe bashigikiye Ruto, bavuga ko yariko arakebura aborozi canke abacuruza ibikomoka ku mata ngo baronderere amasoko hakurya y'imbibe z'igihugu cabo.