Burkina Faso: Abacangero b’Abarusiya biteguye gufasha abatembagaje ubutegetsi

Umurwi w'abacangero b'Abarusiya Wagner ufise uruhara mu bihugu bitari bike vya Afrika
Insiguro y'isanamu, Umurwi w'abacangero b'Abarusiya Wagner ufise uruhara mu bihugu bitari bike vya Afrika

Umurwi w'abacangero b'Abarusiya bandikiye abategetsi ba gisirikare ba Burkina Faso baherutse gutembagaza ubutegetsi ko biteguye kuja gufasha mu kwigisha igisirikare c'iki gihugu co muri Afrika y'Uburengero mu rugamba rwaco rwo kurwanya inyeshamba ziyitirira idini rya Islam.

Uyu murwi wiyita "Community of Officers for International Security" (mu Kirundi twovuga tuti "Umurwi w'abasirikare bitaho umutekano mpuzamakungu), usanzwe uri muri Centrafrique ni wo watangaje ibi wandikiye aba bategetsi ryahawe BBC.

Ntibiramenyekana nimba Burkina Faso yaremeye ubu bufasha canke nimba izobwemera.

Burkina Faso ubu irongowe n'akarwi k'abasirikare katembagaje reta ya Perezida Roch Kaboré ku wa mbere.

Ibiri muri iryo kete biratomoye neza: "Mu gihe mwotumira abigisha b'Abarusiya kugira ngo bigishe igisirikare ca Burkina Faso, barashobora kubikora neza cane".

Iri kete ryemejwe n'umuhanuzi w'Umurusiya mu vyo umutekano mu biro vy'umukuru w'igihugu wa Centrafrique ni ingorane ku rugamba rurongowe n'Ubufaransa mu karere ka Sahel.

N'aho uru rugamba rumaze imyaka irenga cumi, iri kete rivuga ko "ataco rwashitseko", rikongerako y'uko uyu murwi ushobora gufasha abasirikae ba Burkina Faso "gufata ibintu mu minwe mu kanya gato cane mu ijanye n'umutekano".

Ibihugu vyo mu Burengero vyaraneguye irungikwa ry'abacangero b'abarusiya mu gihugu kibanyi ca Mali mu kw'icumi na kabiri bikaba vyavuga ko rishobora gutuma ibintu vyunyuka gusumba mu bijanye n'umutekano.

Coups d'Etat muri Burkina Faso

Ahavuye isanamu, Getty Images

Coups d'Etat muri Burkina Faso

Ahavuye isanamu, Getty Images