Uganda-Covid : Prezida Museveni yatanze akaruhuko ko gusengera igihugu cugarijwe na Covid

Umukuru wa Uganda Yoweri Museveni yatangaje ko umunsi wa gatanu uzoba umunsi w'ikiruhuko wo gusengera abakozi bo kwa muganga n'imiryango yakozweko n'ikiza ca Covid.

Uganda yugarijwe n'umupfunda ugira kabiri wa Covid watumye prezida Musevenu asubizaho ingingo zo kugabanya uruja n'uruza mu gihugu.

Inama nshingamateka ubu yabaye irahagarika ibikorwa mu kiringo c'indwi zibiri mu gihe abategetsi bavuze ko abakozi barenga 100 bayo batowe umugera w'iyo ndwara.

Igitigiri c'abantu bicwa n'iyo ndwara ciyongeye incuro 10 mu minsi 15 iheze, ku bw'urubuga Our World in Data.

Muri ubwo butumwa yanditse kuri twitter Prezida Yoweri Museveni avuga ati:

"Nemeye ivyasabwe n'abarongoye amadini ko twoshira igihugu mu gisabisho muri iki gihe duhanganye na Covid-19. Ndabasavye mwese musengere abakozi bacu bo kwa muganga n'imiryango yose yakozweko n'iki kiza. Kubera iyo mpamvu, ndatangaje ko ku wa gatanu (itariki 25) ari umunsi w'akaruhuko".

Gushika ubu muri Uganda abari munsi ya 2% y'abanyagihugu bose nibo bamaze kuronka nibura urucanco rwa mbere rwa corona.