Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ubwigenge bw'itangazamakuru: Mu Burundi ngo hari akarusho ariko inzira iracari ndende
Ku munsi mukuru w'ubwigenge bwo kumenyesha amakuru, umushikiranganji w'Uburundi ajejwe ico gisata avuga ko abakurikirana ibibera mu Burundi bamaze kubona ko "hamaze gukorwa vyinshi mu ntumbero yo guteza imbere ubwigenge bwo kumenyesha amakuru".
Mw'itangazo yashikirije kuri uwo munsi, Marie Chantal Nijimbere yavuze ko "ubwigenge bwo kumenyesha amakuru butuma abenegihugu nabo bagira uburenganzira bwabo bwo kuronswa inkuru".
Umukuru wa AFJO, ishirahahamwe ry'abamenyeshamakuru b'abagore mu Burundi, aremera ko hari ikimaze guhinduka ariko hakiri vyinshi bikenewe gukorwa.
Diane Ndonse yabwiye BBC Gahuzamiryango ati: "Gushika ubu ku rubuga umumenyeshamakuru ntibamuha inkuru".
Mamadame Ndonse yavuze ko ishaka rya poritike biboneka ko ririho ariko ngo inzego z'igihugu ku ngero zitandukanye zikeneye kwumva no kumenya akamaro k'umumenyeshamakuru.
Ministre w'Uburundi ajejwe kumenyesha amakuru mw'itangazo ryiwe, avuga ingene ubwigenge bwo kumenyesha amakuru bwateye imbere mu Burundi, yashingiye ku cegeranyo ca vuba ca Reporters Sans Frontieres (RSF).
RSF ni rimwe mu mashirahamwe agenzura ibijanye n'uburenganzira bw'abamenyeshamakuru kw'isi; icigeranyo cayo kikaba giherutse kwerekana ko Uburundi bwateye imbere ibibanza 13 mu 2020 ugereranije no mu 2019.
'Abazi umwuga batari bake barahunze'
Kurekura abamenyeshamakuru bane b'ikinyamakuru Iwacu mu mpera z'umwaka uheze no gutanguza mu ntango z'uyu mwaka ibiganiro n'ibinyamakuru vyari vyarafatiwe ibihano kugira bisubire gukora, biri mu vyatumye Uburundi buronka ayo manota.
Iradiyo Bonesha FM yari yarafatiwe ibihano kuva ico gihe yarasubiye gukora. Amaradiyo yo hanze BBC n'Iijwi rya Amerika yo aracari mu biganiro na reta.
Ariko hari n'abanyamakuru batari bake b'abarundi bahunze mu nkuruma y'amatora no kugerageza gutembagaza ubutegetsi vyabaye mu 2015.
Diane Ndonse avuga ko barimwo "benshi mu bari bafise uburambe mu kazi no mu guharanira inyungu z'uburenganzira bw'abamenyeshamakuru".
Avuga ko no ngaho hakenewe icokorwa kugira abo muri abo banyamakuru badakurikiranwa ku vyaha batahe basubizwe mu mwuga.
N'urwego rwo gukeburana hagati y'abamenyeshamakuru ubwabo (organe d'auto-regulation) ngo ntarukiriho.