France-Chad : 'Igihambaye n'amaragamo muri Chad' -Jean-Yves Le Drian

Ministre w'Ubufaransa ajejwe imigenderanire avuga ko icihutirwa muri Chad ari uko inama ya gisirikare ituma haba amaragamo muri ico gihugu inyuma y'urupfu rw'umukuru waco Idris Déby ku wa kabiri.

Mu kiganiro n'imwe mu ma television yo mu Bufaransa, Jean-Yves Le Drian yagaragaye nk'uwushigikiye kuba ibwirizwa shingiro rya Chad ryahagararitswe.

Avuga ko habaye ibihe bidasanzwe muri Chad biturutse ku rupfu rwa prezida Idris Déby.

Igisirikare cavuze ko prezida Déby yaguye ku rugamba aho yakomerekejwe n'abagarariji bariko baragerageza gutera intambwe bagana umugwa mukuru.

Umuhungu wa Déby, Mahamat Idriss Déby Itno - azwi kandi nka General Kaka- yaciye agenwa n'iyo nama ya gisirikare ngo abe umukuru w'igihugu mu gihe c'imfatakibanza c'amezi 18 imbere y'uko haba amatora.

Abenshi muri Chad, harimwo abatavuga rumwe n'ubutegetsi, baraja kubabazwa n'ivyavuzwe n'uwo mutegetsi w'mufaransa.

Bari bizigiye ko Ubufransa buja imbere mu bihugu bisaba ko hagarukanwa vuba intwaro isanzwe (y'aba civil).

Chad n'igihugu gisanzwe kuva kera gikorana n'Ubufaransa n'ibindi bihugu vya Buraya mu rugamba rwo kurwanya imigwi y'intagondwa z'aba Islam mu karere Sahel muri Afrika.

Biboneka ko nibura ubu bwa vuba Ubufaransa ata gitutu kinini buzoshira ku ntwazangabo z'aba general kugira zisubize ubutegetsi aba civil.

Na cane cane mu gihe abagarariji bariko bararondera gufata ubutegetsi.