Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Djibouti: Abimukira batari munsi ya 34 basomye nturi bava muri Yemen
Abantu batari munsi ya 34 bapfuye basomye nturi mu mazi ya Djibouti, nk'uko bitangazwa n'ishami rya ONU riraba abimukira kw'isi (OIM/IOM).
Ku bwa OIM, "ubwo bwato bukoreshwa n'abajabukana abantu mu kinyegero" bwari butwaye abantu bashika 60 b'abimukira bahunga intambara muri Yemen bakaba bariko bagana igihugu ca Djibouti.
Ntiharamenyekana icatumye ubwo bwato buzama, nk'uko OIM ibandanya ibivuga.
Iryo shami rya ONU risanzwe rimaze gushikiriza impungene rifise ku bihumbi n'ibihumbi vy'abanyafrika bakiri bato barondera kuja mu bindi bihugu.
Bafata ingendo zibangamye cane kuva mw'ihembe rya Africa bajabuka baja mu bihugu vyo mu kigobe c'abarabu kurondera akazi.
OIM ivuga ko ikiza ca Covid catumye benshi mu bari baragiye muri ivyo bihugu barondera gusubira iwabo kuko ibihugu vyinshi vyugaye imbibe zavyo mu ntumbero yo kwirinda ikwirakwira ry'iyo ndwara.
OIM ivuga ko benshi baheze muri Yemen aho babayeho mu "buzima bubangamye cane" - bikabatuma kuriha abajabukana mu kinyegero kugirango basubire mu bihugu baturakamwo.
Mu kwezi guheze, abimukira 20 barapfuye aho abari babatwaye mu kinyegero basunikiye 80 muri bo mu mazi uva ku nkengera za Djibouti.