Burundi – Amagara: Sendika z'abavuzi zanditse zirega umushikiranganji ajejwe amagara

Amashirahamwe abiri akomeye y'abakozi (sendika) bo mu bushikiranganji bw'amagara y'abantu mu Burundi aranegura ingene ubwo bushikiranganji butwawe nabi nk'uko bigaragara mw'ikete izo sendika ziherutse kwandikira umushikiranganji wa mbere hamwe n'itangazo rigenewe ibinyamakuru zasohoye mu kwezi guheze.

SNTS na SYNAPA mw'itangazo zashize ahabona zivuga ko ryari rigenewe gutanga umuco ku nkomoko y'ikibazo kiri mw'itunganywa ry'uburuhukiro (morgues mu gifaransa).

Imbere y'iryo tangazo zari zandikiye umushikiranganji wa mbere w'Uburundi, Alain-Guillaume Bunyoni, zimudondagurira ingendo nyinshi zigaragaza ico zita intwaro mbi ''imaze kwonona imigenderanire n'abasanzwe bafashanya n'ubwo bushikiranganji'' burongowe na Dr Thadée Ndikumana.

Uwo mushikiranganji nawe yandikiye umushikiranganji wa mbere nyene ahakana kimwe kimwe cose mu vyashikirijwe n'izo sendika yagiriza ''ibinyoma no gushaka kumwambika iceyi''.

Sendika zagiriza iki?

Itangazo rigenewe abanyamakuru SNTS na SYNAPA zarisohoye mu nyuma y'aho ubushikiranganji bujejwe amagara y'abantu n'ubujejwe inyigisho bugirishirije inama abajejwe uburuhukiro mu bitaro bitandukanye ubwo hari hamaze kwumvikana ijwi ry'umuntu yidoga ko yimwe uburuhukiro bw'umuntu wiwe yapfuye.

Uwo muntu yavuga ko ibitaro vyamutererekanywe bimurungika ku wikorera ivyiwe kugira aronke ikibanza muri 'morgue' ari uko abanje kumugurako ikibanza co gushinguramwo uwiwe n'ibindi bijana nk'isandugu n'ubwugamo mu gihe c'amaziko.

Izo sendika zivuga muri iryo tangazo ko inyanduruko y'ivyo yoba ari uko umushikiranganji w'amagara y'abantu Thadée Ndikumana mu mpera z'umwaka wa 2019 yahaye isoko uwikorera ivyiwe ngo abe ari we akurikirana ibibanza vy'uburuhukiro vyose n'ibijanye no gushingura abapfuye.

Izo sendika zitangazwa n'ingene ayo masezerano atarafutwa kandi reta y'imbere y'iyihari ubu yari yasavye ko yofutwa iravye ingene ico kibazo ari nkoramutima ku mico, imigenzo n'imibereho y'abantu mu Burundi.

Umushikiranganji Thadée Ndikumana abivuga ko iki?

Mw'ikete yandikiye umushikiranganji wa mbere kugira yisigure kuri kimwe kimwe mu bivugwa n'izo sendika, uwo mushikiranganganji aremera ko ayo masezerano yari yahabaye.

Dr Thadée Ndikumana avuga yamara ko ayo masezerano yafuswe mu kwezi kwa kane mu 2020.

Ati: ''Ivyo izo sendika rero zivuga n'ibinyoma kandi biteye isoni."

Mw'ikete yandikiye umushikiranganji wa mbere, Dr Thadée Ndikumana yagiriza izo sendika ''ingendo yinyegeje yo gukorera inyungu z'abazihagarikiye batagomba kwiserura ku mugaragaro".

Si ivyo gusa sendika zirega

SNTS na SYNAPA zandikiye umushikiranganji wa mbere zivuga kandi ko gutanga akazi canke guhindurira ibibanza vy'akazi abakozi bikorwa ku kimenyane canke ku biturire ata kwitaho irangurwa ryiza ry'akazi, ababineguye nabo bakabizira.

Anavuga ko hafuswe ibiganiro vyategerezwa kwamaho hagati y'abakoresha n'abakozi kandi vyatorera ''inyishu ibibazo bitari bike bijanye n'akazi".

Izo sendika ziranavuga ko n'uburyo bwo kurwanya Covid-19 bukoreshwa nabi.

Zagiriza kandi umushikiranganji guhubisha ku nyungu z'incuti yiwe umukuru w'igihugu yahahora mu gusohora ingingo irungika umuntu kuja gukora mu kigo c'ubuvuzi cigenga ata bubasha abifitiye, icatumye ''iyo ngingo itigeze ija mu ngiro".

Kuri ico umushikiranganji Thadée Ndikumana ntaco yashimye kukivugako kuko ngo cizwe mu mwiherero w'abashikiranganji.

Ibindi vyose aravyiyamiriza ko ari ibinyoma no gushaka kumwambika iceyi.

Ico yemenga n'uko batumvikana n'izo sendika ku buryo ivy'abakozi bitunganywa, ari naco ngo ''kiyashavuza''.

Aha avuga ko ''atazokwigera yemera guhesha ku bubasha igihugu kimuha'' mu kwanka ko sendika zivanga mw'itunganywa ry'ibijanye n'abakozi no kutemera ko abo muri sendika barondera kurungikwa mu bibanza vy'akazi bo nyene bishakiye.