Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi - Miriyaridi 7 ziranyuruzwa buri mwaka mu matagisi y'amasoko ya Bujumbura
Umushikiranganji w'intwaro yo hagati, umutekano n'iterambere rusangi mu Burundi agabisha abatoza amakori (taxes) mu masoko y'igisagara ca Bujumbura ko bagiye gufatirwa ingingo hamwe bobandanya kuba intambamyi mu kwinjiza mu kigega c'igisigara amafaranga yose ategegerezwa gutozwa mu masoko.
Ingingo ya mbere ija imaze gufatwa. Inyuma y'inama bagirishijwe mu gisagara ca Bujumbura na General Gervais Ndirakobuca, hafashwe ingingo yo guhagarika abari bajejwe gutoza amakori n'ama taxe mu masoko y'igisagara ca Bujumbura.
General Ndirakobuca yavuze ko ubushikiranganji bwo nyene bwitoreje ayo mafaranga buca burenzako miriyoni 121 ku ndwi, ''kandi aba commaissaires b'amasoko ntibigeze batworohereza''.
Ati: "Mwonsigurira gute ko amafaranga atozwa muri mairie mu ndwi imwe, turavye n'inzitizi twahuye nazo, ubushikiranganji buriko buratoza burenzako miriyoni 121?
Ntimwumva ko igihugu capfuye?"
Yavuze ko ashobora no gushika miriyoni 150 ku ndwi, bisiguye ku mwaka ko arenga miriyaridi ndwi (ashika miliyoni $3.5).
Mu ma komine yo hagati mu gihugu ho , umushikiranganji Ndirakubuca yavuze ko basanze muri rusangi reta itakaza miriyaridi 40 ku mwaka.
Yabwiye ibitavye iyo nama harimwo abajejwe gutoza amakori mu masoko y'igisagara ca Bujumbura ati:
"Inyuma y'iyi nama, uwusubira kuvyivangamwo, ibimushikira ntagire ngo n'ubushikiranganji…..ntavuge ngo reta mvyeyi itwara abantu ku Musaga'', imvugo iciye hirya yo kubagabisha ko bazofatwa, bagapfungwa-ku Musaga niho hari ibohero rikuru rya Mpimba.
Reta y'Uburundi isanzwe ishigikira imirimo y'amakomine ku mafaranga angana na miriyaridi 63 ku mwaka. Umushikiranganji Ndirakobuca avuga ko hamwe ama komine yokwinjiza amafaranga yose ategerezwa kuboneka, ayo reta itanga yoheza agakora ibindi.
Uburundi buri mu bihugu vya mbere kw'isi birangwamwo ibiturire cane, hakurikijwe icegeranyo c'uwu mwaka ca Transparency International, ikigo gikurikirana ibijanye n'ibiturire mu bihugu vyose vyo kw'isi.