RDC: HCR irahagaritswe umutima n'ubugizi bwa nabi burimwo ubwicanyi mu buseruko

Ishami rya ONU riraba impunzi HCR rivuga ko mu mwaka uheze hishwe abantu bashika ibihumbi bibiri mu ntara ya Ituri hamwe no muri Kivu zompi muri Republika ya Demokrasi ya Congo- RDC,nico gitigiri ca mbere kinini mu myaka izo ntara zimaze zivugwawo intambara.

Ubwicanyi n'ukunyuruza n'uwu mwaka birabandanya muri Kivu ya ruguru, ubwa vuba abantu nibura cumi bakaba barishwe mw'ijoro ryo ku wa mbere rishira ku wakabiri. Abateye bakekwa ko ari abagwanyi ba ADF.

Mu kigwati ca Kelembo mu ntara ya Kivu ya ruguru, abo bantu barateye bitwaje imbugita, imipanga n'amasipiri(amapiki). Bahejeje kwica abantu baca barasahura ama boutique yabo.

Uwo mugwi nyene warishe abantu 13 wongera uraturira isengero mu ntara ya Ituri ku wamungu.

HCR ivuga ko abantu bagwa hagati y'impande zigwana muri iyo ntureka idahera.

Akenshi bagirizwa gukorana n'ingabo za reta ya Congo canke n'iyindi migwi.

ONU ivuga ko ibikorwa vyo kurwanya imigwi yitwaje ibigwanisho muri ino munsi vyagize ico bishikako gusumba muri kahise.

Ariko kubera ata bushobozi buhari bwo gucunga ahaba habohowe, inyeshamba ntiziteba kugaruka-zitoza amafaranga zitera n'akajagari.