Ishirahamwe rya Africa rimaze kuronka miliyoni 300 z'inkingo za Covid-19

Igeragezwa ry'urukingo

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ibihugu vya Africa vyarakorewemwo kugeragereza ku bantu ibishobora kuba inkingo

Itororokanirizo ry'amakuru Associated Press rivvuga ko ryabwiwe n'umujenama mu kigo ca Africa co kurwanya indwara( Africa Centers for Disease Control-CDC) ko ishirahamwe rya Africa rimaze kuronka hafi miliyoni 300 z'inkingo za Covid-19.

Africa iharurwamwo miliyaridi 1.2 z'abantu.

Nicaise Ndembi yavuze muri ico kiganiro ko uwurongoye Ishirahamwe rya Africa muri iki gihe , umukuru wa Africa y'Epfo Cyril Rapahosa, vyitezwe ko abitangaza kuri uyu wa gatatu.

Avuga kandi ko izo nkingo zabonetse mu buryo bwigenga bidaciye kuri Covax, umugambi w'isi wo kurwanya ikiza ca Covid-19.

Gishika ubu muri Africa haharugwa abantu 3.085.009 bamaze kwandura umugera wa Covid-19 na 73.504 bamaze gupfa, nk'uko bishikirizwa na Africa CDC.

Ku kigiti cavyo, ibihugu bime bimwe vya Africa bimaze kuvugana n'ibigo bihingura inkingo kugirango vyumvikane ku buguzi.

Africa y'Epfo yamenyesheje ku ndwi iheze ko izoronka muri uku kwezi kwa mbere umuliyoni wa mbere w'inkingo iguze muri Serum Institute of India, ikiigo co mu Buhindi, mu kwa kabiri naho ikaronka izindi 500.000.