South Africa: WHO iti nta cerekana ko ubwoko bushasha bwa corona bushobora kurinda urukingo

Uwufatwa ibipimo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umukozi w'amagara y'abantu ariko arafata ibipimo vyo kuraba ko uwo mugore ata mugera wa corona afise

Urwego rwa ONU rwitaho amagara kw'isi (OMS canke WHO) ruvuga ko ata kimenyetso kihari c'uko ubwoko bushasha bw'umugera wa corona bwatowe muri Africa y'Epfo bushobora kurinda urukingo.

Umukuru w'igisata c'ubuhinga muri OMS, Maria Van Kerkhove,yavuze ko abanduye umugera w'ubwosko bushasha bafise ibimenyetso vy'iyo ndwara bimeze kumwe kandi ko bidakaze.

Gusa avuga ko ubwo bwoko bwongereje ikwirakwira ry'uwo mugera hafatiwe ku gitigiri umuntu umwe ashobora kwanduza.

Van Kerhove yavuze ati: ''Nta kimenyetso c'uko hari ingaruka ku nkingo ziriko ziratangwa. Iyo ni inkuru nziza cane. Iyo niyo nkuru dufise gushika ubu, kandi ivyigwa biracabandanya''.

Umuyobozi nshingwabikorwa wa OMS Mike Ryan yavuze ko ubwo bwoko bushasha butahinduye uburyo uwo mugera wandukira.