BBC Africa Eye: Leta ya Kenya yiyemeje guhagurukira abacuruza abana

Umwana ariko arafungura mw'ibarabara ry'i Nairobi n'ikimenyetso ca BBC Africa Eye imbere y'iwe
Insiguro y'isanamu, Leta ya Kenya ivuga ko idashobora kwihanganira urudandazwa rw'abana

Leta ya Kenya yamenyesheje ko igiye guhagurukira abakora urudandazwa rw'abana, yaba ababagura canke ababagurisha.

Ibi ni nyuma y'itohoza ryakozwe n'igisata ca BBC gikora inkuru z'amatohoza, BBC Africa Eye, cashize ahabona urudandazwa rw'abana bato muri Kenya bibwa abavyeyi babo.

Mu cumba cuzuyemwo abanyamakuru baje kwitaba ikiganiro bagenewe, abaserukiye leta ya Kenya bavuze ko ibintu bigomba kwumvikana neza.

Bavuze ko abakora ibikorwa vy'urudandazwa rw'abana - yaba ababagura canke ababadandaza - bazohanwa n'amategeko ku buryo bukomeye.

Umushikiranganji ajejwe ivy'akazi n'ukurengera abatishoboye, Simon Chelugui, yavuze ko hatanguye itohoza kuri ubwo bugizi bwa nabi.

Yemeye ko hari ibikenewe gukosorwa mu nzego zimwe za Kenya zijejwe gukingira abana, yongerako yuko leta idashobora kwihanganira urudandazwa rw'abana.

Ikiganiro ca BBC Africa Eye casanze hari imihora myinshi itemewe n'amategeko aho abana bibwa ba nyina baba basanzwe ari ba ntaho n'ikora, bakabagurisha mw'ibarabara ku mahera ahera ku $450.

Ariko iryo soko ry'amagendu ntirigarukira ngaho, kuko ikipe ya BBC yabonye ibimenyetso vyerekana ko inzoya zikivuka zigurishwa mu bitaro bitemewe n'amategeko.

Raba ikiganiro ca BBC Africa Eye ngaha:

Insiguro ya video, Itohoza rya BBC: Ubusuma bw'abana muri Kenya