Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi: Daniel Gelase Ndabirabe yatowe nk'umukuru w’inama nshingamateka
Abashingamateka baherutse gutorwa mu Burundi bemeje umushingamateka Daniel Gelase Ndabirabe yatowe mu ntara ya Kayanza nk'umukuru wayo w'inama nshingamateka, itora ritabiriwe n'abo mu mugambwe utavuga rumwe n'ubutegetsi.
Bwana Ndabirabe yatowe ku majwi 90 kuri 123, icegera ca mbere ciwe ni umushingamateka Sabine Ntakarutimana, nayo Abel Gashatsi wo mu mugambwe Uprona akaba yatowe kuba icegera ca kabiri.
Abashingamateka bose 32 b'umugambwe CNL utavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi ntibigeze binjira muri ivyo bikorwa vyo gushiraho ibiro vy'inama nshingamateka.
Bakavuga ko amategeko ngengarugo y'iyo nama yateguwe mu ntumbero yo gukumira uwo mugambwe.
Umushingamateka Daniel Gelase Ndabirabe azwi nk'umwe mu bategetsi bakomeye b'umugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD aho gushika mu 2016 yari umuvugizi wawo.
Inyuma y'aho Bwana Ndabirabe yagenwe kuba umunyamabanga nshingwabikorwa ajejwe ubuzima bw'umugambwe no gukurikirana ibikorwa vyawo.
Umugambwe CNL umenyesha ko abashingamateka bo mu mugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi, ari nawo ufise abashingamateka benshi, wakoze ivyo wishakiye mu ntumbero yo gukumira abashingamateka ba CNL muri ivyo biro.
Agathon Rwasa arongoye uwo mugambwe akaba yatowe mu ntara ya Ngozi, amenyesha ko ingingo za 19 na 20 z'amategeko ngengarugo y'inama nshingamateka "yahinyanyuwe kugira ngo bakumire abantu kanaka".
Hagati aho, Bwana Rwasa amenyesha ko ivyo bitazobabuza kubandanya ibikorwa vy'inama nshingamateka batorewe.
Avugana n'abanyamakuru, Bwana Rwasa avuga ati: "Ibikorwa vy'inama nshingamateka si ibikorwa vy'ibiro gusa, bikorerwa mu bibanza no mu bikorwa bitandukanye".
"Mu gihe badashatse ko tuba mu biro ni ibintu bisanzwe, ntibidukurako kuba abashingamateka, ibikorwa vy'Inama nshingamateka tuzobibandanya".
Mu nama nshingamateka yahahora, Agathon Rwasa yari icegera ca mbere. Umugambwe wiwe watangajwe ko waronse ikibanza ca kabiri mu matora aherutse yo ku wa 20 z'ukwa gatanu, aho waronse abashingamateka 32.
Umugambwe Uprona wahawe ikibanza c'icegera ca kabiri c'umukuru w'inama nshingamateka ufise abashingamateka babiri gusa, mu gihe CNDD-FDD ifise 86.
Iyi nama yari iya mbere, yatanguye ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 04 z'uku kwa munani, irongowe na Venant Sinzinkayo, umushingamateka akurira abandi mu myaka nk'uko itegeko ribivuga, akaba yatowe mu ntara ya Gitega.