Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
USA: Umugabo n'umugore b’abazungukazi bagirizwa guhohotera umuryango w’abirabure
Umugabo n'umugore b'abazungu muri Amerika baragirizwa ivangura inyuma y'ayo umugore ashatse kurasa umwiraburekazi n'abana biwe inyuma y'imishamiraro.
Ireresi yerekana ako kabi kabereye ahitwa Orion hafi ya Detroit, ni mu ntara ya Michigan, yarakwiragijwe cane ku mbuga hwaniro.
Yerekana Jillian Wuestenberg arabisha inkoho yiwe yuzuye amasasu kuri bo avuga at: "Va ng'aho".
Umutegetsi w'ako karere Michael Bouchard avuga ko iyo mishamirano yadutse inyuma y'aho uyo muzungukazi asunikiye umwana w'uyo mwiraburekazi bahuriye mu bwinjiriro.
Uyo muryango wa Wuestenberg wagirijwe ko wakubaguye abo birabure kubera agatima k'ubukozi bw'ikibi.
Bompi baregwa ko bari bafise inkoho biteguye kurasa, nk'uko uyo mutegetsi abivuga. Uyo muryango w'abo birabure nta kirwanisho bari bafise.
Uyo muzungukazi Wuestenberg w'imyaka 32 yagirizwa ko yasetse, Makayla Green, umwana w'imyaka 15, nyina wiwe Takelia Hill aca asaba Wuestenberg gusaba imbabazi. Makayla na nyina wiwe bariko barafata amasanamu.
Niho rero uyo muzungukazi Wuestenberg yaca agenda mu modoka yiwe yariko inyongwa n'umugabo wiwe Eric w'i myaka 42, babandanya baterana amajambo bikomeye, mu nyuma akaba yaciye ava mu modoka afise inkoho ayirabisha kuri uyo mwana Makayla na nyina wiwe.
Abatari bake mu bari ng'aho baciye bahamagara igipolisi, ari ho uyo mugabo n'umugore baca bahagarikwa, nk'uko bivugwa na Bouchard.
Ati: "Ntiturondere gukingiranira ikibaba canke ngo twihute kuvuga. Iyo umuntu akoze ikintu kitabereye, jewe mbwira umuryango wanje n'abagenzi nti rabe hirya. Ubu si igihe co gufyinata".
Umukuru w'akarere ka Oakland David Coulter avuga ko "yababajwe cane" n'ako kabi kabaye ku wa 01 z'uku kw'indwi.
None ni igiki neza na neza cabaye?
Makayla Green yabwiye ikinyamakuru Detroit News ko yasetswe n'umupfasoni Wuestenberg.
Yabwiye ikinyamakuru Detroit News ati: "Igihe nagomba ninjire mu kaguriro, uyo mugore nawe yariko arasohoka, nanje nca nja ku ruhande kugira ngo ndamubise arengane".
"Niho yaca anseka, nanje nca mvuga nti 'ndakubabariye'. Niho rero yaca atangura kuntoteza ambwira ko namuzibiye".
Makayla yaciye ahamagara nyina wiwe kuko yari yatekewe n'ubwoba nk'uko abivuga.
Iyo reresi yerekana iyo mishamirano iriko ibandanya aho uyo muzungukazi Wuestenberg yagirizwa ivangura rishingiye ku rukoba.
Wuestenberg yumvikana ari mu mudoka avuga ati: "Be mureka kwama mwagiriza abazungu ko ari abanyamacakubiri".
Ati: "Abazungu si abanyamacakubiri ... jewe ndakwitayeho, kandi wihangane nimba hari ico wakoreye umuntu maze nawe agatuma umwiyumvira uko. Nta n'umwe ari umunyamacakubiri".
Igihe iyo modoka yatangura gusubira inyuma, Hill, nyina w'uyo mukorwa, yari ahagaze inyuma yayo aca atangura gukubita kuri yo. Niho Wuestenberg yaca asohoka amutegeka kuvaho, amubwira n'amajambo menshi mabi.