Coronavirus : Zitto Kabwe abwira Leta ati ‘Reka guha Abatanzania ivyizere bitari vyo’

Zitto Kabwe, umukuru w'abatavuga rumwe na leta muri Tanzania, aragabisha leta ko yoreka gushira imbere ivyizere bitari vyo mu gihe igitigiri c'abandura coronavirus mu gihugu kibandanya kiduga ku rugero ruteye ubwoba.

Bwana Kabwe avuga ko abanyagihugu bakeneye kubwirwa ukuri ku bijanye n'ico kiza.

Abatavuga rumwe na leta muri Tanzania babandanya kunegura ingingo za leta mu guhangana n'icorezo Covid-19

Bamwe basaba leta gufata ingingo zo guhagarika ubuzima busanzwe mu bisagara nka Dar es Salaam ahabaye ikiririmbiro ry'iki kiza.

Ejo ku wa gatatu, Tanzania yatangaje ko hari abandi 30 banduye coronavirus, ivyatumye igitigiri c'abamaze kwandura mu gihugu gishika kuri 284, harimwo cumi bamaze gupfa.

Ejo nyene ku wa gatatu, umushikiranganji wa mbere, Kassim Majaliwa, yasavye Abatanzaniya kwizera leta yabo hamwe n'abahinga bayo muvyo ubuvuzi muri iyo ntambara na coronavirus.

Yamenyesheje ko leta itegerezwa kwihweza ingingo imwe ku yindi imbere y'uko ifata ingingo ruhasha mu ntumbero yo kurwanya ikwirakwira ry'uwo mugera.

Amakoraniro y'amadini arabandanya muri ico gihugu ukuri kwamye, nayo Perezida John Magufuli yumvikana avuga ko coronavirus idashobora kuba mu mubiri wa Kristu, akabwira abantu ko bosenga kandi bakabandanya baja mu masengero.

Perezida Magufuli yaranse gufata ingingo za Gumamurugo mu gisagara ca Dar es Salaam, aharangwa igitigiri kini c'abanduye uwo mugera, nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters.

Avuga ko iyo ngingo yobangamira ubutunzi, mu gihe ikivuko ca Dar es Salaam cinjiriza igihugu amafaranga menshi.

Ejo ku wagatatu, Perezida Magufuli yasavye ibihugu bitanga ingurane gufuta amadeni ibihugu vya Afrika bibifitiye kugira ngo bishobore gukoresha uburyo vyaziganije mu kurwanya coronavirus.