Tanzania: Ibiharuro vy'abanduye vyaduze, barasabwa kwizera leta mu ntambara na Covid-19

Ahavuye isanamu, Tanzania PM office
Umushikiranganji wa mbere wa Tanzania Kassim Majaliwa asaba abanyagihugu kwizera leta yabo n'abahinga bayo mu vy'ubuvuzi mu rugamba rwo kurwanya coronavirus. Ni mu gihe ibiharuro vy'abanduye bikomeje kuduga.
Umushikiranganji Majaliwa yashikirije ayo majambo mu gisabisho cabereye mu gisagara ca Dar es Salaam, cahuje amashengero atandukanye categuwe mu ntumbero yo gusaba Imana ko yobakiza coronavirus.
Ati: " Ndatahura ko bamwe mu baTanzaniya bagenzacu bipfuza kubona ingingo zindi zifashwe mu ntumbero yo kurwanya iki kiza".
"Ariko, ni vyiza ko botahura ko ingingo iyo ari yo yose ifise ingaruka mbi na nziza. Rero leta ibandanya yihweza ingingo imwe ku yindi ingaruka mbi na nziza zishobora kuyivamwo".
Muri Tanzania hatangajwe abandi bantu 30 bashya banduye coronavirus, bose hamwe ubu bamaze kuba 284, muri bo 11 barakize naho 10 barapfuye.
Uyo mutegetsi avuze ivyo asa n'uwishura ku kamo kama kariko gaterwa n'abanyagihugu basaba leta ko yofata ingingo ruhasha, nk'izijanye na Gumamurugo mu gisagara ca Dar es Salaam, mu gihe ibiharuro vy'ababandanya kwandura coronavirus biduga nk'umwampi.
Bamwe mbere basaba ko amakoraniro y'amashengero yohagarikwa mu ntumbero yo guhagarika ikwirakwira ry'uwo mugera.
Gushika ubu, leta ya Tanzania yaranse gufata ingingo ruhasha zo guhagarika uruja n'uruza .
Umukuru w'Inama Nshingamateka, Job Ndugai, avuga ko ingingo za Gumamurugo zibereye ibihugu vya Bulaya, akavuga ko zomerera nabi cane abantu babeshejweho n'intica ntikize.
Ico gisabisho c'uno munsi categuwe n'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu bufadikanije n'abakuru b'amadini, kikaba cerekanywe ikibiriraho ku binyamakuru vyo muri Tanzania.
Abaserukira amadini batari bake bari bitabiriye ivyo bisabisho bakaba berekanywe bicaye ku buryo atawegera uwundi.
Ni inyuma y'akamo gaherutse guterwa na Perezida John Magufuli w'ico gihugu asaba ko hoba ibisabisho mu gihugu cose vyo gusaba Imana ngo ibakize ico kiza.
Tanzania itangaza ko gushika ubu, abantu bashika 254 ari bo bamaze kwandura coronavirus, nayo 10 ikaba imaze kubahitana.
Ibiharuro bishasha vyerekana ko uwo mugera umaze gushika mu ntara zirenga igice c'intara zose za Tanzania.










