Amatora muri USA: Bernie Sanders yemeye gushigikira umukeba wiwe Joe Biden

Bernie Sanders yariko arondera guserukira umugambwe w'aba Démocrates mu matora yo mu kwa 11uyu mwaka atangaza ko yemeye gushigikira Joe Biden bariko bahiganirwa gutana mu mitwe na Donald Trump.

Mu ndwi iheze, Bwana Sanders yatangaje ko akuyemwo akarenge mu rugamba rwo kurondera guserukira uwo mugambwe, akaryo keza ka Bwana Biden gusigara ari wenyene asigaye muri uyo mugambwe.

Mu kiganiro yagiriye ku buhinga bw'ireresi, uwahoze ari icegera c'umukuru w'igihugu, Joe Biden, yashimiye uwahoze ari umukeba wiwe kubona yemeye kumushigikira.

Umukenguzamateka Sanders yateye akamo Abanyamerika bose kuja hamwe kugira ngo biganzure Perezida Donald Trump.

Avuga ko ari "umukuru w'igihugu mubi cane mu bihe vya none mu gihugu".

Sanders ati: "Uno munsi, nsavye Abanyamerika bose - aha ndiko nsaba umu Démocrate uwo ari we wese, ndiko nsaba uwigenga uwo ari we wese, ndiko nsaba umu Républicain uwo ari we wese - ko boja hamwe muri rino higanwa bagashigikira umu kandida nshigikiye".

"Ni ngombwa ko twese dukorera hamwe".

Bwana Biden w'imyaka 77, avuga ko anezerewe cane kubona mugenziwe Sanders yamushigikiye, akavuga ko atamukeneye gusa mu myiyamamazo, ariko mu butegetsi.

Ati: "Washize imbere ya vyose inyungu z'iki gihugu be no gutsinda Donald Trump. Nk'uko ukunze kubivuga uti 'si jewe, ni twebwe',".

Mw'ijambo yashikirije abanywanyi b'uyo mukenguzamateka, Bwana Biden yavuze ati: "Ndababona, kandi ndabumva, ndatahura ikibaraje ishinga muri kino gihugu, kandi ndizeye ko muzodushigikira".

Bwana Biden avuga ko we na Sanders bariko bashinga imirwi yo gukorera hamwe kugira ngo yige ibibazo nkoramutima harimwo ibijanye n'ihindagurika ry'ibihe, amagara y'abantu hamwe n'amafaranga arihwa mu mashure.

Ivyo vyabaye inyuma y'aho Biden atsindiye Sanders mu matora y'intangamarara y'aba Démocrates mu ndwi iheze mu ntara ya Wisconsin, amatora yabaye hari ukutumvikana kuvuye ku kiza ca coronavirus.

Umukenguzamateka Sanders yahagaritse urugamba rwiwe mu ndwi iheze, aho yabwira abanywanyi biwe ko abona ko adashobora kuronka amajwi akwiye kugira ngo ashobore gutsindira ikibanza co guserukira umugambwe wiwe mu matora.

Mu ntango, niwe yari imbere cane, aho cane cane urwaruka rwamubonamwo urukiza, akaba yashira imbere gutorera inyishu ibibazo vy'amagara y'abantu n'ubusumbasumbane bw'imishahara.

Hagati aho, mu ndwi nkeya ziheze yagiye atakaza amajwi maze Bwana Biden amuja imbere.

Sanders yari amaze kurondera guserukira umugambwe w'aba Démocrates ariko biranka, aho mu 2016 yatsinzwe na Hillary Clinton.