Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umuntu wa mbere yanduye coronavirus muri Nigeria, Afrika y'Epfo nayo igiye gutahana abayo
Umuntu wa mbere yanduye wa mugera ruhonyabantu coronavirus muri Afrika yo munsi y'ubugaragwa bwa Sahara yatowe muri Nigeria.
Uyo murwayi akomoka mu Butaliyano akaba asanzwe akora muri Nigeria, yageze ku mugwa mukuru Lagos ku wa 25 z'uku kwa kabiri avuye mu gisagara ca Milan mu Butaliyano.
Abategetsi bamenyesha ko adasinzikaye kandi ko ariko aravurirwa mu bitaro i Lagos.
Leta ya Nigera itangaza ko yari yariteguriye iki kibazo kandi ko yasubiye kuvyura ikigo kijejwe kurwanya ibiza kugira ngo came kigavye.
Abategetsi bavuga kandi ko batanguye kurondera abo bose boba barakoranyeko n'uyo murwayi kuva ageze muri Nigeria.
Afrika y'Epfo yafashe ingingo yo gutahukana abantu bayo bari mu ntara ya Hubei
Umukuru w'igihugu ca Afrika y'Epfo, Cyril Ramaphosa yategetse ko abanyagihugu bayo bagera kuri 132 baba mu gisagara ca Wuhan catanguriyemwo uwo mugera mu Bushinwa batahukanwa.
Ibiro vy'umukuru w'igihugu bimenyesha ko iyo ngingo yafashwe ejo ku wa kane inyuma y'inama nshikiranganji, kandi bisabwe n'imiryango y'abanya Afrika y'Epfo baba muri ico gisagara.
Nta kiringo ntarengwa cashinzwe, ariko leta ivuga ko abo 132 kuri 199 basanzwe baba muri ico gisagara aribo basavye ko batahukanwa.
Muri bo, nta n'umwe arandura uwo mugera canke ngo yerekane ibimenyetso vyawo, ariko bazoshikizwa ukwa bonyene mu kiringo c'iminsi 21 bamaze gushika muri Afrika y'Epfo "nk'ingingo y'ukwiyubara", nk'uko biri mw'itangazo ryasohowe n'ibiro vy'umukuru w'ico gihugu.
Ryongerako riti: "Leta ibandanya ivugana n'imiryango y'abo bantu, kandi ibisata bibijejwe vyarategekanije ibikenewe vyose kugira ngo babakire".
Abajejwe amagara y'abantu hamwe n'abasirikare bazorungikwa gufasha mu gihe bazoba bashikanywe mu gihugu mu gikorwa co kubaronderera aho babashikiza.
Ikompanyi y'indege y'ico gihugu, South African Airlines, yarahagaritse ingendo mu gihugu c'u Bushinwa.
Abanyakenya bafise impungenge
Igihugu ca Kenya coco nta ngingo kirafata yo guhagarika ingendo z'indege hagati y'ico gihugu n'Ubushinwa.
Leta y'ico gihugu iranegurwa bikomeye inyuma y'aho yemereye ingenzi zivuye mu Bushinwa kwinjira muri ico gihugu, ubwa mbere mu kiringo c'indwi zibiri.
Hirya y'ejo ku wa gatatu, abantu 239 barinjiriye ku kibuga c'indege c'i Nairobi bururutse indege China Southern Airlines, baca basabwa kwitandukanya n'abandi mu kiringo c'iminsi 14. Iyo ngingo yaraneguwe n'abatari bake.
Ikinyamakuru Daily Nation gisubiramwo amajambo y'abanyagihugu banegura ubushikiranganji bw'umutekano, bw'imigenderanire n'ayandi makungu, bw'ukwunguruza abantu hamwe n'ubwo amagara y'abantu, bavuga ko leta iriko irakinisha ubuzima bw'imiliyoni z'Abanyakenya.
Hari inzandiko zacishijwe ku mbuga ngurukanabumenyi zikaba zimaze guterwako igikumu n'abantu ibihumbi n'ibihumbi zisaba leta ya Kenya guhagarika ingendo zo mu Bushinwa kubera coronavirus.
Abantu barenga ibihumbi 80 baramaze kwandura coronavirus mu bihugu 40.
Abashika 60 nibo bamaze kumenyekana ko bahitanywe n'uwo mugera hanze y'Ubushinwa, aho watanguriye.
Hagati aho, igitigiri c'abandura uwo mugera hagati mu Bushinwa kibandanya kigabanuka.
Ku mugabane wa Afrika, hampande ya Nigeria, ibihugu vya Algeria na Misiri navyo nyene biramaze gutangaza ko hari abanyagiohugu bavyo bawanduye.