Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
USA: Donald Trump yirukanye abatanze ivyemezo mu matohoza yo kumubogoza
Perezida Donald Trump wa Amerika yirukanye mu kazi abategetsi babiri bemeye kuja gutanga ivyemezo igihe inama nshingamateka yariko imukorako amatohoza ngo abogozwe.
Umuserukizi wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika mw'ishirahamwe ry'ibihugu vya Bulaya, Gordon Sondland, avuga ati "namenyeshejwe ko natumweko vuba bwango".
Hari haciye amasaha makeya Liyetena koloneli Alexander Vindman, umuhinga ku bijanye na Ukraine yirukanywe mu biro vy'umukuru w'igihugu, Maison Blanche.
Hari amakuru avuga ko Bwana Trump ashaka guhindura abakozi bo mu biro iwe inyuma y'aho inama nkenguzamateka ya Amerika imwejeje mu rubanza rwo kumubogoza ku munsi wa gatatu w'iyi ndwi.
Mu matora y'akataraboneka, Inama Nkenguzamateka yaremeje ko uyo mukuru w'igihugu wa Amerika agira 45 atabogozwa, inyuma y'amanyanga yagirijwe ku gihugu ca Ukraine.
Uwo bavukana na Liyetena koloneli Vindman, Yevgeny Vindman, bompi bakaba ari amahasa, yari umunyamategeko mukuru bunyamabanga bujejwe umutekano, nawe nyene yasubijwe mu gisata kijejwe igisirikare ejo ku wa gatanu.
Ihagarikwa rya Sondland
Mw'itangazo ryasohowe n'umwunganirizi wiwe muvyo amategeko, Bwana Sondland avuga ati: " Namenyeshejwe uno munsi ko Umukuru w'igihugu yantumyeko vuba bwango, inyuma y'ukumpagarika kuba umuserukizi wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu muryango w'ibihugu vya Bulaya".
"Ndashimiye umukuru w'igihugu kubona yari yaranyizeye, umunyamabanga wa Leta Pompeo ku kungene yambaye hafi, hamwe n'abakozi bose twakoranye neza cane mu buserukizi bwa Amerika mu muryango w'ibihugu vya Bulaya".
"Ndashimye ingene twakoranye. Ivyo twakoranye vyabaye igikorwa nyamukuru mu mwuga wanje".
Ihagarikwa rya Vindman
Umuhanuzi wa Liyetena koloneli Vindman, David Pressman, yabwiye BBC ko umukiriya wiwe "yasohowe mu biro vy'umukuru w'igihugu aho yahora korera".
Mw'itangazo yasohoye, avuga ati: "Nta munyamerika n'umwe atazi igituma uyu muntu yirukanywe mu kazi".
"Liyetena koloneli Vindman yirukanywe kubera yavuze ukuri. Icubahiro ciwe, n'uguhagararika ukuri, vyarateye ubwoba abakuru".
Yongera ati: "Ukuvuga ukuri kwatumye Liyetena koloneli Alexander Vindman atakaza akazi kiwe n'ukubaho kwiwe".
Iryo tangazo ribandanya rivuga riti: "Umutegetsi mukuru kw'isi - kubera yishimiye ko ata gakacira - yafashe ingingo yo kwihora".
Amakuru avuga ko Liyetena koloneli Vindman yari yatonze ku kazi kiwe nk'uko bisanzwe mu biro vy'umukuru w'igihugu ejo ku wa gatanu.
Bwana Trump yari yabwiye abanyamakuru ko atishimiye Liyetena koloneli Vindman.