U Bwongereza buravuye mw'ishirahamwe rya Buraya

Abari kwigina Brexit

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abashigikiye Brexit bamaze igihe bigina kuva mw'ishirahamwe rya Buraya

Ibendera ry'Ubwongereza ryamanuwe mu kibanza rimanitsemwo imbere y'ibiro bibuserukiye i Buruseri, mu kwerekana ko ico gihugu kivuye muri iryo shirahamwe nyuma y'imyaka 47.

Ubwongereza burava icese mw'ishirahamwe rya Buraya saa sita z'ijoro ku masaha y'i Buruseri.

Ishirahamwe rya Buraya canke UE ntiriramenyesha igihe ibendera ry'Ubwongereza rizomanurirwa aho rimanitse imbere y'ibiro vyaryo.

Ariko ivyo navyo birashobora kuba mw'ijoro, kugira ntibihave biboneka ko butigeze bushaka ko Brexit iba.

Ikirangaminsi ca Brexit

Hagati aho mu Bwongereza, umushikiranganji wa mbere Boris Johnson yaremesheje inama na leta yiwe i Sunderland, umuji uri mu buraruko bushira ubuseruko watangaje ubwa mbere ivyavuye mu matora ya Brexit.

Ibiro vyiwe biraza gusohora ubutumwa yashikirije isaha zine z'ijoro ku masaha yo mu Bwongereza, isaha imwe imbere y'uko Ubwongereza buva icese muri EU.