Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Tahura ingene ibi bintu bizogenda muri uno mwaka wa 2020
Uyu mwaka wa 2020 utanguye uno munsi witezwemwo ibintu bihambaye mu mateka y'isi kandi bizokwama vyibukwa mu myaka itiari mike iri imbere.
Bimwe ni mu karere ka Afrika y'ubuseruko ariko ibindi navyo ni mu bundi burere bw'isi, mu bice vy'ubuzima bitandukanye uhereye muri politike gushika mbere no mu bijanye n'inkino.
Amatora mu Burundi
Mw'ijambo ryiwe ry'ukwipfuriza umwaka mushasha Abarundi, umukuru w'igihugu c'u Burundi Petero Nkurunziza avuga ati:
"Umwaka w'2020, ni umwaka udasanzwe mu buzima bw'igihugu c'Uburundi… Ni umwaka Abarundi tuzosubira kwitorera indongozi mu nzego zitandukanye z'igihugu, mu matora tudakekeranya ko azoba meza cane, kandi y'intibagiranwa mu mateka y'Uburundi".
Bitegekanijwe ko ku wa 20 ukwezi kwa gatanu, Abarundi bazokwitabira amatora y'umukuru w'igihugu, abashingamateka n'abajenama b'amakomine. Ni amatora adasanzwe kuko azoba ari amatora atatu akorewe umunsi umwe.
Perezida Petero Nkurunziza yaramaze gutangaza ko atazosubira kwitoreza ikindi kiringo, ingingo yatangaje benshi cane inyuma y'aho ahinduriye ibwirizwashingiro.
Ari ku butegetsi kuva mu mwaka wa 2005, inyuma y'aho umugambwe wiwe CNDD-FDD utsindiye amatora ya mbere inyuma y'intambara yari imaze imyaka irenga cumi, yagiye guhagarara habanje gushirwa umukono ku masezerano y'amahoro ya Arusha mu 2000.
Kuva mu mwaka wa 2015, u Burundi bwinjiye mu ndyane za politike bivuye ku ngingo Perezida Nkurunziza yafashe yo kwitoreza ikiringo we yavuga ko cari ica kabiri yitorewe n'abanyagihugu, ariko abamurwanya nabo bakavuga ko cari ica gatatu giteye kubiri n'ibwirizwashingiro be n'amasezerano y'amahoro ya Arusha.
Hagati aho, Sentare yo mu Muryango w'Ibihugu vyo muri Afirika y'Ubuseruko (EAC), iherutse kwemeza ko ukwitoza kwa Perezida Nkurunziza mu kibanza c'umukuru w'igihugu mu mwaka wa 2015 kwakurikije amategeko, Reta y'Uburundi iba iratsinze urubanza.
Niho mu mwaka wa 2018, Abarundi bemeza ibwirizwashingiro rishasha muri kamarampaka yabaye muri uyo mwaka, ibwirizwashingiro ryongereje imyaka y'ibiringo vy'umukuru w'igihugu, iva kuri itanu ija ku ndwi.
Abatavuga rumwe n'ubutegetsi bwiwe hamwe n'amakungu babona Perezida Nkurunziza yariko yitegurira kuguma ku butegetsi aciye mu guhindura ibwirizwashingiro.
Hagati aho, haribonekeza ukutihanganiranira mu vya politike muri ico gihugu, aho abatavuga rumwe n'ubutegetsi, cane cane umugambwe CNL w'umushingamateka Agathon Rwasa, bavuga ko bahohoterwa, bakaburagizwa mu bikorwa vyabo, abanyuruzwa bakanyuruzwa, ingoro z'uwo mugambwe zikononwa.
Ivyo bituma abatari bake bagumana amakenga nimba amatora koko azoba mu bwisanzure.
Iyindi myaka itanu ya Magufuli?
Eka no mu gihugu kibanyi ca Tanzania, uno mwaka hitezwe amatora, aho mu kwezi kw'icumi 2020 umukuru w'ico gihugu John Pombe Magufuli azoba arangije ikiringo ciwe ca mbere.
Mu mugambwe uri ku butegetsi, bisanzwe bimenyerewe ko umukuru w'igihugu ahejeje ikiringo ciwe ca mbere yemezwa ata nkomanzi kwongera kwitoreza ikindi kigira kabiri, kandi ari co ca nyuma.
Ni kuri ivyo rero Perezida Magufuli yitezwe gusubira kwitoreza ikiringo kigira kabiri ku giti c'umugambwe CCM uri ku butegetsi.
Hagati aho, hari urukurukuru rugize iminsi ko hashobora kuboneka abanyamugambwe bagenziwe bashobora kuba bapanga guhangana nawe mu kurondera kwitoreza ico kibanza.
Bamwe mu bavugwa harimwo uwahoze ari umushikiranganji w'imigenderanire w'ico gihugu, Bernard Membe. Rero mu mezi ari imbere ukuri kuzomenyekana.
Ku ruhande rw'abatavuga rumwe n'ubutegetsi, ibintu ntivyoroshe.
Abashingamateka n'abajenama batari bake bakomoka mu migambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi bamaze igihe biyonkora mu migambwe yabo binjira muri CCM, bavuga ko ari ugushigikira utwigoro twa Perezida Magufuli two guteza imbere igihugu.
Eka mbere n'uwo bahiganywe bikomeye mu matora aheruka ya 2015, Edward Lowassa, nawe nyene akaba aherutse kwisubirira muri CCM.
Vyongeye, hari abategetsi bakuru b'imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi bakurikiranwa n'ubutungane.
Abatavuga rumwe n'ubutegetsi bavuga ko inkingi z'intwaro rusangi ziriko zirahoyangwa, aho amakoraniro ya politike yahagaritswe kiretse ayateguwe n'abategetsi canke abashingamateka bakomoka mu karere runaka.
Mu mpera z'umwaka wa 2018, harateguwe amatora y'abajenama muri ico gihugu. Imigambwe mikuru mikuru itavuga rumwe n'ubutegetsi yaranse kuyitaba, ivyatumye CCM iyatsinda ku rugero runini cane.
Eka no mw'izinga rya Zanzibar, umukuru waryo Ali Mohammed Shein ararangije imyaka cumi yiwe, uno mwaka hakazotorwa uwumusubirira.
Muri Ethiopia, Abiy Ahmed azosubira kwipima
Igihe ashika ku butegetsi nk'umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia mu kwa kane umwaka wa 2018, Abiy Ahmed yihutiye guhindura ibintu muri ico gihugu.
Ethiopia yari ihanzwe n'ivyo yagirizwa vyo guhonyanga intwaro rusangi, imyiyerekano y'abo mu bwoko bwa Oromo hamwe n'intambara yayo na Eritrea vyapfa urubibe, ariko ivyo bibazo vyose yarabitoreye umuti.
Abapfungwa ba politike bararekuwe, imyiyerekano irarangira, maze abagore batari bake barinjira mu nama nshikiranganji.
Ivyo vyose vyakozwe n'umushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed yagiye ku butegetsi akiri muto, ubu akaba afise imyaka 43.
Mu mwanya muto gusa yari amaze ku butegetsi, Bwana Ahmed yaronkejwe ka gashimwe kitiriwe Nobel.
Hagati aho, si ukuvuga ko ivyo yakora vyaryohera bose kuko mu kwezi kwa gatandatu ubutegetsi bwiwe bwahatswe gutembagazwa, ariko biranka, n'aho mukuru w'ibiro vya gisirikare yishwe.
Ethiopia itegekanya amatora mu kwa gatanu kw'uno mwaka wa 2020, aho ubutwari bwiwe buboneka ko bwanumije abo batavuga rumwe.
Ayo matora azokwerekana urugero rw'ingene Bwana Ahmed yizigiwe mu gihugu.
Brexit?
Kuva mu mwaka wa 2016, ijambo Brexit riravugwa cane muri politike y'u Bwongereza.
Kuva kamarampaka yemeje ko ico gihugu ciyonkora mw'ishirahamwe ry'ibihugu vya Bulaya (EU), politike y'Ubwongereza yaribanze cane kuri Brexit.
Brexit yatumye abashikiranganji ba mbere babiri bose batanga imihoho, uwa mbere akaba ari David Cameron yatanze imihoho iyo kamarampaka ya 2016 kuri Brexit iheze.
Umwaka urangiye wa 2019 Theresa May yari yagiye ku butegetsi inyuma ya Cameron nawe atanga imihoho inyuma y'utwigoro twiwe two gukura Ubwongereza muri EU turangiriye ataco dushitseko.
Inyuma y'induru nyinshi, Boris Johnson yasubiriye umupfasoni May.
Mu kwezi kwa 12 umwaka wa 2019, niho umugambwe w'aba Conservateurs urongowe na Boris watsinda amatora y'umushikiranganji wa mbere ku rugero rutari bwigere ruboneka kuva imyaka 30 iheze.
Iyo ntsinzi yamuhaye inguvu zidasanzwe zo gushika ku ntego ya Brexit.
Inama nshingamateka yamaze kwemeza integuro ya Boris kuri Brexit, ubu rero Ubwongereza bukaba bwiteze gusezera muri EU kw'igenekerezo rya 31 uku kwezi kwa mbere 2020.
Urubanza rwa Trump
Umwaka wa 2019, Perezida Donald Trump yabaye umukuru w'igihugu agize gatatu mu mateka ya Amerika yagirijwe gukoresha nabi ubutegetsi bwiwe gushika aho abashingamateka bemeza ko abogozwa.
Trump aregwa ivyaha bibiri ica mbere gusaba igihugu kindi kwinjira mu biraba Amerika aho yasavye Ukraine ko yokora amatohoza ku wo bahanganye muri politike Joe biden. Icaha ca kabiri kikaba ari ukuburgiza inama nshingamateka.
Ayo matora yo kumubogoza yakozwe n'inama nshingamateka yiganjemwo abo mu mugambwe w'aba Democrates. Ivyo birero birindiye gushikanwa mu nama nkenguzamateka.
Ari nka hamwe abakenguzamateka bokwemeza ivyashikirijwe na bagenzi babo bo mu nama nshingamateka, Perezida Trump yoba asezerewe.
Ariko rero ivyo biri kure nk'ukwezi kuko inama nkenguzamateka yiganjemwo abo mu mugambwe w'aba Republicains ariwo wa Trump.
Amatora ya Amerika
Perezida Trump yiteze gutsinda urubanza mu gihe ruzoba rugeze mu nama nkenguzamateka, ivyo navyo bikamuha akaryo ko kwitoza mu matora yo mu kwa 11, 2020.
Ikiringo ciwe ca mbere c'imyaka ine kizorangira uno mwaka, kandi hakaba hari benshi batavuga rumwe nawe.
Hagati aho, umugambwe w'aba Democrates nturashobora kuronka uwuzowuserukira, ariko umukeba wiwe, Joe Biden yahoze ari icegera ca Barrack Obama niwe ari imbere mu matora y'intangamarara muri uwo mugambwe.
Amatora ya Amerika aragoye kwibaza ikizoyavamwo, ico ari co cose kirashobora kuba, nk'ivyabaye igihe Trump atsinda mu buryo bwatangaje benshi uwo bahiganwa Hillary Clinton mu 2016. Rero ivyo bitangaza birashobora gusubira kwibonekeza uno mwaka.
Aba perezida batatu bose batwaye Amerika imbere ya Trump, aribo Barrack Obama, George W Bush na Bill Clinton bose barashoboye kurongora ico gihugu ibiringo bibiri bitegekanijwe.
Inkino: Liverpool ishobora kwiha iteka iheruka mu myaka 30 ?
Mu mupira w'amaguru, umwaka wa 2020 urashobora kutwereka ikintu kitari bwibonekeze mu myaka 30 yose irangiye mw'ihiganwa ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza.
N'aho bobo badashaka kwama babivuga, inyota y'imyaka 30 yose iheze badatsindiye iryo higanwa ishobora kuba igira irangire.
Ntibashaka kuvyerekana canke ngo berekane umunezero wabo hataragera, kuko no muri iyo myaka iheze, hari igihe vyanka ku ka nyuma.
Ariko ingene ibintu biboneka uno mwaka biratandukanye, na rirya abakinyi b'uwo murwi ari ibihangange, umuntu ntiyoba yihenze avuze ko aribo bakinyi ba mbere bakomeye gusumba abandi bose muri iyo myaka yose iheze.
Uwo murwi uherutse kwerekana ko ukomeye aho ukubitiye Leicester City ku kibuga cayo ibitsindo bine vyose ku busa mu rukino rwabaye inyuma y'umunsi mukuru wa Noweli.
Ubu Liverpool isumvya amanota 13 Leicester ya kabiri, ikaba kandi isumvya Manchester City amanota 14 mu gihe bagifise urundi rukino.
Kugira ngo inanirwe n'ugutsindira iryo higanwa aho ibintu bigeze, ni uko Liverpool yotakaza n'imiburiburi inkino zitanu muri 19 isigaye, hanyuma Leicester na Man City nazo ziyikurikira zigatsinda inkino zose.
Mu mupira w'amaguru vyose birashobora, ariko ingene ibintu bimeze, Liverpool ifise amahirwe yose yo gutsindira Premier league 2019/2020.
Yaheruka kuyitsindira mu mwaka wa 1989/1990, imyaka 30 iraheze.
Euro 2020 - ni nde azotahukana igikombe?
Ni ubwa mbere mu mateka y'ihiganwa rihuza imirwi nserukirabihugu i Bulaya ribera mu bihugu 12 bitandukanye.
Urukino rwo kwugurura ruzobera mu gisagara ca Roma hagati y'Ubutaliyano na Turukiya, mu gihe urukino rwa nyuma ruzobera ku kibuga ca Wembley mu Bwongereza.
Ivyo vyateguwe mu ntumbero yo guhimbaza imyaka 60 izoba irangiye iryo higanwa ritanguye.
Iryo higanwa riboneka ko ari ryo rizoba ribaye irya nyuma kuri Christiano Ronaldo w'imyaka 34, igihugu ciwe Portugal kikaba ari co gifise igikombe kuva mu 2016.
Iryo higanwa riboneka ko ritazoba ryoroshe namba, aho ibihugu bine vyakinye inkino z'igice ca kabiri gishira ica nyuma c'igikombe c'isi yose ari vyo Croatia, Ubwongereza, Ububirigi n'Ubufaransa , vyose ari ivya Bulaya