Burundi: Abamenyeshamakuru bane b'ikinyamakuru Iwacu basabiwe gupfungwa imyaka 15

Umunyororo w'imyaka 15 nico gihano casabiwe abamenyeshamakuru bane b'ikinyamakuru Iwacu ku caha bagirizwa co guhungabanya umutekano w'igihugu.

Mu ntahe y'icese imbere ya sentare nkuru y'igihugu mu ntara ya Bubanza , abo bamenyeshamakuru bane bagirizwa gufasha umurwi w'abitwaje ibirwanisho bari bateye muri komine Musigati muri iyo ntara.

Térence Mpozenzi, Agnès Ndirubusa, Egide Harerimana, Christine Kamikazi n'umushoferi wabo Adolphe Masabarakiza bahagaritswe igihe bariko bakurikirana igitero c'abitwaje ibirwanisho mu ntara ya Bubanza.

Muri urwo rubanza, umushikirizamanza wa repubulika yasavye ko n'ibikoresho vyabo harimwo imodoka yabareruye, ama terefone n'udutabo twabo n'ama camera, bifatwa bigashirwa mu minwe ya leta.

Abacamanza baciye barushira mu mwiherero, rukazosomwa mu prukiringo kitarenze iminsi 30.

Abo bamenyeshamakuru bahagaritswe ku wa 22 z'ukwezi kw'icumi bagirizwa "kugira uruhara mw'ihungabanywa ry'umutekano w'igihugu", ariko bobo babandanya bavuga y'uko bafashwe bariko bakora umwuga wabo w'ukurondera amakuru.

Mu kwezi kw'11, umunyamabanga ntayegayezwa wo mu bushikiranganji bw'imigenderanire y'u Burundi n'ayandi makungu yaragabishije ibinyamakuru avuga ko bizorondera guhungabanya umutekano w'igihugu.