Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi: Bavyutse basanga inzu zabo zicapweko imisaraba
Umugambwe CNL uvuga ko hibonekeje ubukozi bw'ikibi mu ntara ya Ngozi, mu mazone amwe amwe ya komine Busiga, aho hari abanywanyi b'uyo mugambwe bavyutse basanga amazu yabo acapuyeko imisaraba itukura.
BBC yavuganye na bamwe mu banywanyi b'uyo mugambwe bo ku mutumba na zone Mihigo muri iyo komine, bavuga ko bavyutse basanga inzu zabo zicapuweko imisaraba itukura.
Bamenyesha ko ibintu nk'ivyo vyabaye ku mitumba itari mike yo mu mazone ya Rukeco, Mihigo na Mparamirundi agize komine Busiga.
Bavuga ko bafise ubwoba kuko batazi intumbero ababikoze bafise.
Umuvugizi w'uyo mugambwe, Térence Manirambona avuga ko ibikorwa nk'ivyo biri mu rukurikirane bw'ubukozi bw'ikibi bukorerwa uyo mugambwe mu gihugu.
Muri komine Gihanga y'intara ya Bubanza hari umukuru w'umutumba yafashwe mpiri ariko arabomora ingoro y'umugambwe CNL mw'ijoro ryakeye.
Muri iyo ntara, hampande y'ingoro yabomowe mu kigwati ca kabiri (Village 2) muri komine Gihanga, abo bagizi ba nabi bivye n'idarapo be n'igitabo c'ingenzi' nk'uko bivugwa na Bwana Manirambona.
Avuga ko Nsabimana Désiré arongoye uwo mutumba yashikirijwe abategetsi, akizera ko azovuga n'abandi bari kumwe muri ubwo bwononyi ariko bakaba barashoboye kwiruka.
Ku mutumba wa Dutwe muri komine n'intara ya Rugiyi naho havugwa ingoro y'uwo mugambwe yaraye isizwe amazirantoke.
Mu gihe hari abavuga ko CNL ariyo ikora ibikorwa vyo kwisamburirako, bwana Manirambona avuga ko kubona muri komine Gihanga hafashwe umutegetsi ari ikimenyetso kigaragara cotuma ukuri kumenyekana.
Ati: "Iyo habaye ibintu nk'ivyo, hariho abategetsi baca bihutira kuvuga ngo ingoro za CNL zoba zibomorwa n'aba CNL bo nyene. Ababivuga ni bagerageze kurondera ukuri, bareke gukangarizako kuko iyo hagize abafatirwa aho vyabereye, biroroshe kumenya ukuri".
Naho ku vyabaye muri komine Busiga, Bwana Manirambona avuga ko intumbero yavyo ari ugutera ubwoba ku banywanyi babo.
Bwana Manirambona avuga ko ingoro zababa 70 mu ntara 14 mu gihugu zimaze kwononwa.
BBC yagerageje kuvugana n'abajejwe intwaro mu Burundi kuri ibi vyaraye bibaye, ariko gushika ku mwanya iyi nkuru yasohorewe ntivyari bwakunde.