Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Afrika y’Epfo mu bihugu birimwo ubusumbane burenze urugero kw’isi
Igihugu ca Afrika y'Epfo kiri mu bihugu birangwamwo ubusumbane burenze urugero hagati y'abanyagihugu, bwibonekeza cane cane hagati y'abazungu n'abirabure.
Icegeranyo c'ubushakashatsi giherutse gukorwa ku vyerekeye ubusumbasumbane muri ico gihugu cerekana ko abirabure baronka umushahara uri munsi y'umushahara w'abazungu incuro zirenga zitatu zose.
Ico cegeranyo kivuga ko umushahara ku bakozi babayabaye b'abirabure - bangana ibice 80 kw'ijana vy'abanyagihugu bose ba Afrika y'Epfo - ungana n'ibihumbi 6.899 vy'amafaranga yo muri ico gihugu (angana n'amadolari hafi 477). Ni mu gihe bagenzi babo b'abazungu baronka umushahara ibihumbi 24.646 vy'amafaranga y'ico gihugu (angana n'amadorali 1668).
Ico cegeranyo kandi cerekana ingene igihengeri cibonekeza hagati y'amoko atandukanye ufatiye ku mibereho yayo.
Ico cegeranyo cafatiye ku biharuro bitangwa n'igisata kijejwe ubushakashatsi co muri ico gihugu, Stats SA, vyo kuva mu mwaka wa 2002 gushika 2017.
Ivyo biharuro vyerekana ko abirabure bari inyuma mu bijanye n'akazi, amagara y'abantu, uburaro hamwe n'umuyagankuba.
Cerekana kandi ko ico gihugu ca Afrika y'Epfo kiri mu bihugu birangwamwo ubusumbane bwo ku rwego rwo hejuru kw'isi.
Nico cegeranyo ca mbere nyezina gikozwe kuri ico kibazo gifatwa ko ari ikibazo ngorabahizi.
Kimwe mu bituma ubwo busumbane muvyo ubutunzi bwibonekeza hagati y'amoko muri ico gihugu kikaba ari imyaka camaze mu ntwaro karyanishamiryango yiswe apartheid - intwaro yahereza uburenganzira bwose inkehwa z'abazungu igahonyanga uburenganzira bw'abirabure.
Aya masanamu yafashwe na Johnny Miller akoresheje za ndege zitagira abadereva bita drone mu mwaka wa 2018 arerekana igihengeri gikomeye kiri hagati y'ibisagara bitunze n'ibikenye muri Afrika y'Epfo: